Yobu
11 Zofari+ w’i Nayama yishura ati:
3 Amajambo yawe ata co amaze yonumya abantu?
Wosuzugura abandi gutyo ntihagire uwugukosora+?
6 Yari kuguhishurira amabanga y’ubukerebutsi,
kuko ubukerebutsi nyabwo bufise imice myinshi.
Wari gutahura ko hari amakosa yawe yirengagiza.
7 Mbega woshobora gutahura ibintu vyimbitse vy’Imana?
Canke woshobora kumenya ibintu vyose vyerekeye* Mushoboravyose?
8 Ubukerebutsi buri hejuru kuruta ijuru, wumva woshika ku ki?
Burimbitse kuruta ukuzimu, wumva womenya iki?
9 Ni burebure kuruta isi
kandi buragutse kuruta ikiyaga.
10 Iramutse irenganye igata umuntu mw’ibohero
hanyuma igatumako sentare, ni nde yoyibuza?
11 Kuko izi abantu b’ababeshi.
Iyo ibonye ikintu kibi, mbega iracirengagiza?
13 Ese iyaba woteguye umutima wawe,
ukaduza amaboko ku Mana uyitakambira!
14 Nimba hari ibibi uriko urakora, bishire kure yawe!
Ntureke ngo ibikorwa bitagororotse bigume mu mahema yawe.
15 Uzoheza uraramike umutwe ata kumaramara.
Uzohagarara ushikamye ata bwoba.
16 Ntuzosubira kwibuka ivyago vyawe.
Uzovyibagira nka kurya kw’amazi yarenganye.
17 Ubuzima bwawe buzokayangana kurusha umutaga.
Mbere n’ibihe vy’umwijima mu buzima bwawe bizomera nk’igitondo.
18 Uzotekana kuko ufise icizigiro.
Uzoraba irya n’ino, wiryamire mu mutekano.
19 Uzokwiryamira ata n’umwe agutera ubwoba,
kandi abantu benshi bazogusaba ngo ubatoneshe.