12 Ikirangamisi c’amezi yo muri Bibiliya
Amezi y’Abayuda yahera ku mboneko y’ukwezi gushika ku yindi (Yes 66:23). Ijambo rimwe ry’igiheburayo choʹdhesh, “ukwezi” (It 7:11), rivuye kw’itsitso risobanura “imboneko,” irindi na ryo ryahinduwe ngo ukwezi, ari ryo yeʹrach, risobanura “ukwezi kwo ku mboneko.”
AMEZI |
UKO IKIRERE CABA CIFASHE |
IVYIMBURWA |
|
|---|---|---|---|
Y’ivy’Imana |
Ayasanzwe |
||
Ukwa 1 |
Ukwa 7 |
Yorodani yuzuzwa n’imvura na shelegi |
Bimbura ilino. Batangura kwimbura sayiri |
Ukwa 2 |
Ukwa 8 |
Ici riraturika. Akenshi ikirere caba gikeye |
Bimbura sayiri. Bimbura ingano mu biyaya |
Ukwa 3 |
Ukwa 9 |
Ubushuhe bw’ici. Akayaga gatyoroye |
Bimbura ingano. Insukoni za mbere. Ipome |
Ukwa 4 |
Ukwa 10 |
Ubushuhe buraduga. Ikime cinshi mu turere |
Inzabibu za mbere. Ibimera n’amariba vyuma |
Ukwa 5 |
Ukwa 11 |
Ubushuhe bushikira urugero rw’agaheta |
Gutangura kwimbura inzabibu |
Ukwa 6 |
Ukwa 12 |
Ubushuhe burabandanya |
Iyimbura ry’ingazi z’itende n’insukoni z’ici |
Ukwa 7 |
Ukwa 1 |
Ici rirarangira. Imvura ya mbere iratangura |
Iyimbura rirangira. Irima ritangura |
Ukwa 8 |
Ukwa 2 |
Imvura nkenke |
Kubiba ingano na sayiri. Bimbura imyelayo |
Ukwa 9 |
Ukwa 3 |
Imvura igwira. Gukonja. Shelegi mu misozi |
Ikura ry’ivyatsi |
Ukwa 10 |
Ukwa 4 |
Imbeho ruheta. Imvura. Shelegi mu misozi |
Ibiyaya bitotahaye. Intete, amashurwe binaga |
Ukwa 11 |
Ukwa 5 |
Ubukanye buhwama. Imvura irabandanya |
Shakedi zishurika. Iminago ku misukoni |
Ukwa 12 |
Ukwa 6 |
Imituragaro n’urubura biba kenshi |
Karubi zishurika. Bimbura imicungwe n’indimu |
Ukwa 13 |
Hari ukwezi kwongerwako incuro indwi mu myaka 19 kukaba nka Adari ya kabiri (Veyadari) |
||
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ukwa 1 NISANI (ABIBU) Ntwarante-Ndamukiza
14 Pasika
15-21 Udutsima tutarimwo umwambiro
16 Gushikana imishuzo
Sayiri
Ukwa 2 IYARI (ZIVU) Ndamukiza-Rusama
14 Pasika yo hanyuma (Gh 9:10-13)
Ingano
Ukwa 3 SIVANI Rusama-Ruheshi
6 Imisi mikuru y’Amayinga (Pentekoti)
Insukoni za mbere
Ukwa 4 TAMUZI Ruheshi-Mukakaro
Inzabibu za mbere
Ukwa 5 ABI Mukakaro-Myandagaro
Ivyamwa vyo mu ci
Ukwa 6 ELULI Myandagaro-Nyakanga
Ingazi z’itende, inzabibu, insukoni
Ukwa 7 TISHIRI (ETANIMU) Nyakanga-Gitugutu
1 Ukuvuza inzamba
10 Umusi w’Impongano
15-21 Umusi mukuru w’Insago canke w’Isarura
22 Ikoraniro ry’agakūra
Irima
Ukwa 8 HESHIVANI (BULI) Gitugutu-Munyonyo
Imyelayo
Ukwa 9 KISILEVU Munyonyo-Kigarama
25 Umusi mukuru w’Iyegura
Imikuku ikingirwa igikonyozi
Ukwa 10 TEBETI Kigarama-Nzero
Ugukura kw’ibimera
Ukwa 11 SHEBATI Nzero-Ruhuhuma
Shakedi ishurika
Ukwa 12 ADARI Ruhuhuma-Ntwarante
14, 15 Purimu
Imicungwe n’indimu
Ukwa 13 VEYADARI Ntwarante