Nurondere uwogufasha
Kugira abantu bashobora kugufasha birahambaye, atari gusa igihe ukiri ku ntebe y’ishure mugabo no mu bikorwa uzokora umaze gukura.
NI NDE yogufasha mu twigoro ugira urondera kuroranirwa kw’ishure?
Umuryango. Umwigeme umwe yitwa Bruna w’imyaka 18 wo muri Brezile avuga ati: “Igihe naba nkeneye uwumfasha gukora agakorwa naba nahawe kw’ishure ko gukorera i muhira, dawe yaransigurira ico cigwa akongera akambaza utubazo tumfasha gutora inyishu. Mugabo yarareka akaba ari je ndazitora.”a
Impanuro: Mu gutangura, nubaze umuvyeyi wawe ukuntu yatahura ico cigwa kikugora. Nimba yaragitahura, yoshobora kuba ari we yogufasha.
Abigisha. Abigisha benshi barahimbarwa no kumenya yuko umunyeshure yipfuza vy’ukuri kumenya, kandi bonezerwa no kumufasha.
Impanuro: Nubwire gusa umwigisha wawe uti: “Iki cigwa kirangora cane, mugabo nipfuza kugitahura. None umpanuye iki?”
Abagufasha. Kumbure umugenzi w’umwizigirwa w’umuryango wanyu arashobora kugufasha. Intunganyo nk’iyo irashobora kuvamwo ivyiza bibiri: Ubwa mbere, uzoronka imfashanyo ukeneye, ubwa kabiri na ho uzokwiga gusaba imfashanyo igihe bikenewe, ico kikaba ari ikintu kizokugirira akamaro umaze gukura. Ikizwi coco ni uko vyinshi mu vyo umuntu ashikako aba yabifashijwemwo n’abandi, kitaba ari igikorwa ciwe gusa.—Imigani 15:22.
Impanuro: Nubaze abavyeyi bawe uwokubera umufasha mwiza.
Mu ncamake: Nta kibi kiri mu gusaba gufashwa!
Ubona gute utanguye? Nugire urutonde rw’abantu babiri canke batatu bokubera akarorero, ni ukuvuga abantu worabirako. Hoba hari n’umwe muri bo yoshobora kugufasha mu bikorwa vyo kw’ishure?
[Akajambo k’epfo]
a Mukuru wawe na we nyene yoshobora kugufasha.
[Uruzitiro ku rup. 5]
“Umwigisha nakunda cane”
“Umwigisha nakunda cane yari umuntu avuze aba yavuze, mugabo abantu bose baramwubaha. Yari ashwashwanutse. Yarakoresha ibimenyetso vy’umubiri akongera akagendagenda mw’ishure igihe yaba ariko aravuga. Yaratuma abanyeshure bose bagira uruhara mu biganiro vyagirwa mw’ishure. Igihe waba udatahuye iciyumviro kanaka, yarakigusigurira yihanganye gushika ugitahuye. Yama atubwira yuko ahimbarwa n’uko tumubaza ibibazo. Yavuga yuko ibibazo bitamufasha gusa kubona ivyo tudatahura ariko kandi ko vyamufasha kurushiriza kuba umwigisha mwiza. Yaritwararika umwe wese ku giti ciwe. Abanyeshure benshi, bamaze umwaka umwe gusa mw’ishure ryiwe, bahisemwo gukurikirana umwuga wo kuba abanyabigega, ico kikaba ari co cigwa yigisha!”—Alana wo muri Ostraliya.
[Ifoto ku rup. 5]