Ingene amakuru ateye ubwoba agira ico akoze ku bana bawe
“Agakobwa kanje k’imyaka 11 ntigakunda kuraba amakuru. Akenshi kararazirana ibintu bibi kaba kabonye. Karigeze kuraba amakuru yerekeye umuntu yaciye umutwe uwo mu muryango wiwe. Iryo joro kararose na ko nyene kariko karacibwa umutwe.”—Quinn.
“Agakobwacu k’imyaka itandatu kararavye amakuru ajanye n’ibivumbuzi vyari vyateye mu kandi karere k’igihugu. Kamaze amayinga nk’angahe gatekewe n’ubwoba. Karanterefona, kakanyemeza ko hariho ikivumbuzi kiriko kiraza kikagana be n’uko kigira kigahitane.”—Paige.
AMAKURU yoba atera ubwoba umwana wawe? Mw’itohoza rimwe ryagizwe, ibice nka 40 kw’ijana vy’abavyeyi bavuze yuko abana babo bari baratekewe n’ubwoba bitumwe n’ikintu babonye mu makuru be n’uko ivyo vyatumye abo bana batinya ko ikintu nk’ico cobashikira canke kigashikira incuti zabo.
Kubera iki? Imvo imwe ni uko abana akenshi batahura amakuru mu buryo butandukanye n’uko abakuze bayatahura. Nk’akarorero, utwana dutoya twoshobora kwiyumvira yuko icago cerekanwa kenshi mu makuru kiba vy’ukuri kiriko kirashika incuro nyinshi.
Imvo igira kabiri ni uko amakuru ateye ubwoba yerekanwa buri musi ashobora gutuma umwana abona isi mu buryo butari bwo. Ni ivy’ukuri ko tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Mugabo kuba abana baza barerekwa amakuru ateye ubwoba birashobora gutuma bagumana ubwoba ku buryo ata kintu na kimwe bakora neza. Ishirahamwe rimwe (Kaiser Family Foundation) rivuga riti: “Abana baraba amakuru kenshi kuri televiziyo usanga bafise agatima ko gushikuza ku bijanye n’urugero ubukozi bw’ikibi bushikako kandi boshobora kubona yuko isi ari ahantu hateye akaga kuruta uko biri koko.”
Wokora iki nimba amakuru ateye ubwoba agira ico akoze ku bana bawe? Ng’ibi ivyiyumviro bikeyi vyogufasha.
Nubakingire. Wisunze imyaka abana bawe bafise, ukuntu batahura ibintu be n’inyiyumvo zabo, nubashingire akarimbi ku bijanye n’urugero rw’amakuru bakwiye kuraba. Ariko ntiwumve, muri iki gihe c’iterambere mu bijanye no gushikiriza amakuru, abana bawe ntibayobewe ibiriko biraba. Mbere n’utwana dutoya twoshobora kuba tubona canke twumva ibintu vyinshi kuruta uko uvyibaza. Ku bw’ivyo, nube maso ku kintu ico ari co cose cerekana ko abana bawe bafise ubwoba canke bahagaritse umutima.
Nubigishe. Uko abana bawe bakura, nuze uraraba amakuru uri kumwe na bo. Muri ico kiringo, urashobora kuronka akaryo ko kubigisha ukoresheje ayo makuru. Nugerageze gushimika ku mice iyo ari yo yose myiza y’ayo makuru; nk’akarorero, ibikorwa bijanye no gutabara abashikiwe n’icago.
Nubahumurize. Igihe herekanywe amakuru ateye ubwoba, nubaze utubazo abana bawe kugira ngo umenye ukuntu biyumva ku bijanye n’ivyabaye. Sebibondo umwe yitwa Michael avuga ati: “Twe n’umukenyezi wanje turafata umwanya wo gusigurira agahungu kacu Nathaniel ivyo kaba kabonye mu makuru, hamwe n’ingingo twafashe kugira ngo twikingire icago nk’ico. Igihe kimwe, Nathaniel akaba yari yaravye amakuru yerekeye inzu yari yahiye igatokombera, yaragize ubwoba bw’uko inzu yacu ari yo iramukiwe. Kugira ngo tumuhumurize, twaramweretse utwuma twose turi mu nzu yacu tugenewe kuvuza induru iyo umuriro wadutse. Arazi aho turi n’igituma tuhari. Ivyo vyaramufashije gutekana.”
Nugume ubona ibintu mu buryo buri ku rugero. Abashakashatsi basanze abantu bafise agatima ko kubona yuko ikintu kinaka gishobora gushika mu gihe bashoboye kwibuka uturorero tw’ikintu nk’ico kiba carabaye. Nk’akarorero, nimba uheruka kwumva ko hariho umwana yanyurujwe, birashoboka rwose ko uca wiyumvira yuko umwana wawe abangamiwe kuruta uko biri koko. Ni ivy’ukuri ko ari vyiza kumenya akaga gashobora gushika. Naho ari ukwo, abahinga bavuga ko amakuru ashobora gutuma dutinya ibintu bitazokwigera bidushikira.—Imigani 22:3, 13.
Mu gihe abavyeyi badashoboye kubona ibijanye n’amakuru mu buryo buri ku rugero, boshobora gutinya birenze urugero. N’abana babo ni ukwo. Nk’akarorero, mu 2005 hari agahungu k’imyaka 11 kazimiriye mu misozi ya Utah muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Karatinya rwose abantu banyuruza abandi ku buryo kamaze imisi ine kinyegeza abari baje kugatabara. Igihe amaherezo bagatora, nta ntege kari kagifise kandi kari kagize umwumira. Naho vyashoboka rwose ko ako gahungu katanyuruzwa, ubwoba kari gafise bwatumye gahakwa kwicwa na kigoyi aho kwemera gufashwa.
Ivyo bitwigisha iki? Nurabe neza ko wewe n’abana bawe muguma mubona ibijanye n’amakuru mu buryo buri ku rugero. Ikizwi co ni uko ivyago vyinshi bibonwa ko bibereye gushirwa mu makuru kubera ko bisa n’ibidakunda gushika, atari kubera ko abantu babimenyereye.
Ubugizi bwa nabi be n’ivyago vy’ivyaduka ni ibintu bibabaje bishika muri iki gihe. Ariko rero nk’uko twabibonye, utwigoro ugira two gukingira abana bawe, kubigisha, kubahumuriza no gutuma babona ibintu mu buryo buri ku rugero tuzobafasha kuvyifatamwo neza igihe baravye amakuru ateye ubwoba.
[Ifoto ku rup. 19]
[Ifoto ku rup. 20]
Nubakingire
[Ifoto ku rup. 20, 21]
Nubigishe
[Ifoto ku rup. 21]
Nubahumurize
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 21]
“Abana bafise imyaka iri hagati ya 3 na 7 usanga barushiriza guterwa ubwoba n’inkuru zerekeye ivyago vy’ivyaduka n’amasanganya, mu gihe abafise imyaka iri hagati ya 8 na 12 usanga barushiriza guterwa ubwoba n’inkuru zerekeye ubugizi bwa nabi.”—Kaiser Family Foundation