ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/15 rup. 8-9
  • Tuje muri Honduras

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Honduras
  • Be maso!—2015
Be maso!—2015
g 4/15 rup. 8-9
Inkengera y’ikiyaga co muri Honduras

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Honduras

Ikarata ya Honduras

HONDURAS ni ijambo ry’igisupanyoli risobanura ngo “ibenga.” Umugabo yubuye ico gihugu ari we Christophe Colomb, bivugwa ko yakoresheje iryo jambo mu kudondora amazi y’Ibahari Atlantike ari ku ruhande rw’ico gihugu. Hari abavuga yuko aho ari ho havuye izina ry’ico gihugu.

Abantu bo muri Honduras barashira imbere cane ukudahemukira umuryango n’ugusenyera ku mugozi umwe. Nk’akarorero, umugabo n’umugore usanga kenshi baja inama mu gufata ingingo zihambaye, nk’ingene bokoresha amahera y’umuryango canke ibijanye n’indero y’abana.

Benshi mu banyagihugu baho bakomotse ku Banyaburaya bavyaranye n’imvukira zaho. N’ubu haracariho imvukira zaho zitavanze, nk’abitwa Chorti. Abandi na bo, nk’akarorero Abagarifuna, bakomotse ku bandi bantu.

Umucuraranzi w’Umugarifuna ariko aravuza ingoma

Umucuraranzi w’Umugarifuna ariko aravuza ingoma

Abagarifuna bakomotse ku Banyafrika no ku Bahindi ba mbere na mbere bo muri Karayibe baba mw’izinga ryitwa Saint-Vincent. Nko mu 1797, Abagarifuna barashitse mu mazinga yitwa Islas de la Bahía (îles de la Baie). Mu nyuma, baravuye muri ayo mazinga baja kuba mu karere ko ku nkengera y’Ikiyaga Karayibe muri Amerika yo Hagati. Abagarifuna bo muri ako karere ni bo bahavuye bakwiragira mu bindi bice vya Amerika yo Hagati n’iya Ruguru.

Abagarifuna barakunda kwiginagura bajana n’umudiho w’ingoma zikozwe mu biti bikomeye. Mu mico yabo, barakunda no kwambara impuzu kavukire z’amabara akayangana, kwigana inkuru no gufungura imfungurwa zaho, nk’izitwa ereba (uwo ukaba ari umutsima w’imyumbati ubase kandi wagutse w’intimbatimba ntoyi).

Muri Honduras hari amashengero hafi 400 y’Ivyabona vya Yehova. Amakoraniro yabo bayagira mu congereza, mu gishimwa, mu gisupanyoli, mu kigarifuna, mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Honduras, no mu rurimi rwitwa miskito.

Ereba[Ifoto ku rup. 9]

Wa mutsima w’imyumbati witwa ereba

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: 8.111.000

  • Umurwa mukuru: Tegucigalpa

  • Intwaro yaho: Republika iharanira demokrasi

  • Ururimi: Igisupanyoli

  • Ikirere: Harashushe, ariko mu misozi ntihashuha cane canke ngo hakanye cane

  • Ingene hameze: Imisozi ni yo igize ibice birenga 75 kw’ijana vy’ico gihugu. Ariko hariho n’ibiyaya vyo ku nkengera y’ibahari be n’amazinga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika