Icigwa c’7
Kwiyegereza Imana mw Isengesho
Ni kuki gusenga udahorereza ari ivy’ingirakamaro? (1)
Dukwiye gusenga nde, kandi gute? (2, 3)
Ni ibiki bibereye gushirwa mw isengesho? (4)
Ukwiye gusenga ryari? (5, 6)
Imana yoba yumviriza amasengesho yose? (7)
1. Isengesho ni ukuganira n’Imana wicishije bugufi. Ukwiye gusenga Imana udahorereza. Gutyo ushobora kwumva ko uyegereye nk’uko woba wegera umugenzi ukunda. Yehova arahambaye kandi ni umunyabubasha cane, yamara arumviriza amasengesho yacu! Woba uhora usenga Imana udahorereza?—Zaburi 65:2; 1 Ab’i Tesalonike 5:17.
2. Isengesho riri mu bigize ugusenga kwacu. Dukwiye rero gutura isengesho Imana yonyene, Yehova. Igihe Yezu yari kw isi, yama nantaryo atura isengesho Se, nta wundi yasaba. Dukwiye kugenza nk’ukwo nyene. (Matayo 4:10; 6:9) Ariko rero, amasengesho yacu yose akwiye guturwa Imana mw izina rya Yezu. Ivyo vyerekana ko twubaha ikibanza Yezu arimwo kandi ko twizeye inkuka y’incungu yatanze.—Yohana 14:6; 1 Yohana 2:1, 2.
3. Igihe dusaba dukwiye kubwira Imana ibivuye ku mutima. Ntibikwiriye ko tuvuga amasengesho yacu turandagata ivyo twafashe ku mutwe, canke ngo abe ayo tuvuga tuyasoma mu gitabu c’ibisabisho. (Matayo 6:7, 8) Turashobora gusaba twifashe ruto, igihe ico ari co cose, n’ahantu aho ari ho hose. Imana irashobora kwumva n’amasengesho yo mu gacerere avugiwe mu mitima yacu. (1 Samweli 1:12, 13) Vyoba vyiza turondeye ikibanza gitekanye ahiherereye kugira ngo duture Imana amasengesho yacu bwite.—Mariko 1:35.
4. Ni ibiki ushobora gushira mw isengesho? Ikintu cose coba kiri n’ico gikora ku bucuti ufitaniye na yo. (Ab’i Filipi 4:6, 7) Rya sengesho ry’akarorero rirerekana ko dukwiye gusaba ku vyerekeye izina rya Yehova n’umugambi wiwe. Turashobora kandi gusaba kuronswa ivyo umubiri wacu ukeneye, guharirwa ivyaha vyacu, tugasaba kandi gufashwa ngo dutsinde inyosha mbi. (Matayo 6:9-13) Amasengesho yacu ntakwiye kuba ay’ubwikunzi. Dukwiye gusaba gusa ibintu bihuye n’ivyo Imana igomba.—1 Yohana 5:14.
5. Urashobora gusaba igihe cose wumva umutima wawe ukuvyuriye gukengurukira Imana canke kuyishemeza. (1 Ngoma 29:10-13) Urakwiye gusenga igihe ufise ingorane, n’ukwizera kwawe kukaba kuriko kurageragezwa. (Zaburi 55:22; 120:1) Ni vyiza gutura Imana isengesho imbere y’uko ufungura. (Matayo 14:19) Yehova aturemesha ngo dusabe “ibihe vyose.”—Abanyefeso 6:18.
6. Turakenera canecane gusaba iyo twakoze icaha gikomeye. Mu bihe nk’ivyo dukwiye gusaba imbabazi za Yehova n’ikigongwe ciwe. Iyo tumwaturiye ivyaha twakoze kandi tugakora uko dushoboye kwose kugira ntituze tubisubire, Imana ‘igabirije guharira.’—Zaburi 86:5; Imigani 28:13.
7. Yehova yumviriza gusa amasengesho y’abantu bagororotse. Kugira ngo Imana yumve amasengesho yawe, utegerezwa kugerageza gukora uko ushoboye kwose kugira ngo ubeho wisunga amategeko yayo. (Imigani 15:29; 28:9) Utegerezwa kwicisha bugufi iyo usaba. (Luka 18:9-14) Utegerezwa kugira akigoro kugira ngo ukore ibihuye n’ivyo wasavye mw isengesho. Gutyo uzoba werekanye yuko ufise ukwizera n’uko utavuga amasigaracicaro. Aho gusa ni ho Yehova azokwishura amasengesho yawe.—Abaheburayo 11:6.