ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 15-17
  • Abana; abakiri bato

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abana; abakiri bato
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 15-17

Abana; abakiri bato

Uko Imana ibona abana

Yehova yerekana gute ko aha agaciro abana n’abakiri bato?

Gus 6:6, 7; 14:28, 29; Zb 110:3; 127:3-5; 128:3, 4; Yak 1:27

Raba kandi Yb 29:12; Zb 27:10; Img 17:6

Raba kandi «Umuryango»

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 1:27, 28—Imana yashimye ko abantu bibaruka ibibondo kugira ishitse umugambi wayo w’uko abantu buzura isi

    • It 9:1—Inyuma y’umwuzure, Imana yabwiye Nowa kuvyara abana bakuzura isi

    • It 33:5—Yakobo, umwe sekuruza w’imiryango w’intahemuka, yabona abana biwe nk’ingabire iva ku Mana

    • Mr 10:13-16—Uburyo Yezu yakunda abana bwarerekana ukuntu Se wiwe abakunda

Yehova yiyumva gute iyo abonye abafata nabi abana n’ababahumbisha?

Kv 22:22-24; Gus 10:17, 18; Zb 10:14, 15

Ni ingingo ngenderwako izihe zerekana ko abana tudakwiye kubitegako ivyo twokwitega ku bakuze?

Gh 1:3; 1Kr 13:11

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • It 33:12-14—Yakobo yatambutse bukebuke kugira yorohereze abana biwe

Imana yoba ari yo yobazwa amabi akorerwa abana muri ino si?

Yb 34:10; Yak 1:13; 1Yh 5:19

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 5:18, 20, 23-25—Yezu yarerekanye ko turwara kubera igicumuro twarazwe

    • Rm 5:12—Intumwa Pawulo yarerekanye iyo igicumuro n’urupfu vyazananye

Yehova ahumuriza gute abantu ko imibabaro ishikira abato n’abakuze igiye kurangira?

Yes 11:6-9; Yoh 3:16; Ivk 24:15; Ivy 21:4

Nimba abavyeyi bacu barigenjeje nabi canke bakadufata nabi, vyoba bisobanura ko ata co tumaze canke ko natwe tuzomera nka bo?

Gus 24:16; Ezk 18:1-3, 14-18

Raba kandi Gus 30:15, 16

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 18:1-7; 2Ng 28:1-4—Naho Hezekiya yari afise umuvyeyi mubi yishe bamwe mu bana biwe bwite, yarabaye umwami akomeye kandi w’intahemuka

    • 2Bm 21:19-26; 22:1, 2—Yosiya yabaye umwami mwiza cane naho se Amoni yari umubisha

    • 1Kr 10:11, 12—Intumwa Pawulo yarasiguye ko amakosa y’abandi ashobora kuduha icigwa tukirinda kuyagwamwo

    • Fp 2:12, 13—Intumwa Pawulo yaratwibukije ko twebwe ubwacu nitwaguma turi intahemuka tuzokizwa

Ivyo abana n’abakiri bato basabwa

Yehova abona gute abana bakibana n’umuvyeyi wabo atinya Imana?

1Kr 7:14

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • It 19:12, 15—Imvo imwe yatumye abakobwa ba Loti bakingirwa n’abamarayika ni uko se yari umugororotsi

Abana boba bakwiye kwibwira yuko bashimwa n’Imana kubera gusa abavyeyi babo bayitinya?

Img 20:11; Ezk 18:5, 10-13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lw 10:1-3, 8, 9—Abahungu b’umuherezi mukuru Aroni barishwe, kumbure bivuye ku kaborerwe

    • 1Sm 8:1-5—Naho Samweli yari umuhanuzi mwiza, abana biwe bari barononekaye

Abana bipfuza gushimwa n’Imana bokora iki?

Img 1:8; 27:11; Ef 6:1-3

Kubera iki abana bakwiye kwitaba amakoraniro?

Gus 31:12, 13; Heb 10:24, 25

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Mt 15:32-38—Mu bumviriza Yezu wasanga harimwo n’abana

Tuzi gute ko Yehova ashaka ko abana bamusenga?

Zb 8:2; 148:12, 13

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 17:4, 8-10, 41, 42, 45-51—Yehova yarakoresheje umusore Dawidi kugira arwanire izina rya Yehova mu gutsinda ikigatanya gikaze

    • 2Bm 5:1-15—Yehova yarafashije umukuru w’ingabo w’Umusiriya kumenya Imana y’ukuri biciye ku gakobwa k’Akisirayelikazi

    • Mt 21:15, 16—Yezu yarashimye ukuntu abana bashemagije Mesiya

Imana ibona gute abana bafise abavyeyi batayisenga?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gh 16:25, 26, 32, 33—Igihe Yehova yahana abagabo bamwebamwe bagarariza umuhanuzi Musa n’umuherezi mukuru Aroni, yarahanye n’imiryango yabo

    • Gh 26:10, 11—Naho wa mugarariji Kora yishwe, abahungu biwe bobo bararusimvye kubera bagumye ari intahemuka

Kubera iki abakiri bato bakwiye kuraba neza abo bagira abagenzi?

Img 13:20; 1Kr 15:33

Raba kandi 2Tm 3:1-5

Abakiri bato b’abakirisu bakwiye kurondera abagenzi bameze gute?

2Tm 2:22

Raba kandi «Abagenzi»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika