Abana; abakiri bato
Uko Imana ibona abana
Yehova yerekana gute ko aha agaciro abana n’abakiri bato?
Gus 6:6, 7; 14:28, 29; Zb 110:3; 127:3-5; 128:3, 4; Yak 1:27
Raba kandi Yb 29:12; Zb 27:10; Img 17:6
Raba kandi «Umuryango»
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 1:27, 28—Imana yashimye ko abantu bibaruka ibibondo kugira ishitse umugambi wayo w’uko abantu buzura isi
It 9:1—Inyuma y’umwuzure, Imana yabwiye Nowa kuvyara abana bakuzura isi
It 33:5—Yakobo, umwe sekuruza w’imiryango w’intahemuka, yabona abana biwe nk’ingabire iva ku Mana
Mr 10:13-16—Uburyo Yezu yakunda abana bwarerekana ukuntu Se wiwe abakunda
Yehova yiyumva gute iyo abonye abafata nabi abana n’ababahumbisha?
Ni ingingo ngenderwako izihe zerekana ko abana tudakwiye kubitegako ivyo twokwitega ku bakuze?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
It 33:12-14—Yakobo yatambutse bukebuke kugira yorohereze abana biwe
Imana yoba ari yo yobazwa amabi akorerwa abana muri ino si?
Yehova ahumuriza gute abantu ko imibabaro ishikira abato n’abakuze igiye kurangira?
Nimba abavyeyi bacu barigenjeje nabi canke bakadufata nabi, vyoba bisobanura ko ata co tumaze canke ko natwe tuzomera nka bo?
Raba kandi Gus 30:15, 16
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Bm 18:1-7; 2Ng 28:1-4—Naho Hezekiya yari afise umuvyeyi mubi yishe bamwe mu bana biwe bwite, yarabaye umwami akomeye kandi w’intahemuka
2Bm 21:19-26; 22:1, 2—Yosiya yabaye umwami mwiza cane naho se Amoni yari umubisha
1Kr 10:11, 12—Intumwa Pawulo yarasiguye ko amakosa y’abandi ashobora kuduha icigwa tukirinda kuyagwamwo
Fp 2:12, 13—Intumwa Pawulo yaratwibukije ko twebwe ubwacu nitwaguma turi intahemuka tuzokizwa
Ivyo abana n’abakiri bato basabwa
Yehova abona gute abana bakibana n’umuvyeyi wabo atinya Imana?
Abana boba bakwiye kwibwira yuko bashimwa n’Imana kubera gusa abavyeyi babo bayitinya?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lw 10:1-3, 8, 9—Abahungu b’umuherezi mukuru Aroni barishwe, kumbure bivuye ku kaborerwe
1Sm 8:1-5—Naho Samweli yari umuhanuzi mwiza, abana biwe bari barononekaye
Abana bipfuza gushimwa n’Imana bokora iki?
Kubera iki abana bakwiye kwitaba amakoraniro?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Mt 15:32-38—Mu bumviriza Yezu wasanga harimwo n’abana
Tuzi gute ko Yehova ashaka ko abana bamusenga?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 17:4, 8-10, 41, 42, 45-51—Yehova yarakoresheje umusore Dawidi kugira arwanire izina rya Yehova mu gutsinda ikigatanya gikaze
2Bm 5:1-15—Yehova yarafashije umukuru w’ingabo w’Umusiriya kumenya Imana y’ukuri biciye ku gakobwa k’Akisirayelikazi
Mt 21:15, 16—Yezu yarashimye ukuntu abana bashemagije Mesiya
Imana ibona gute abana bafise abavyeyi batayisenga?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gh 16:25, 26, 32, 33—Igihe Yehova yahana abagabo bamwebamwe bagarariza umuhanuzi Musa n’umuherezi mukuru Aroni, yarahanye n’imiryango yabo
Gh 26:10, 11—Naho wa mugarariji Kora yishwe, abahungu biwe bobo bararusimvye kubera bagumye ari intahemuka
Kubera iki abakiri bato bakwiye kuraba neza abo bagira abagenzi?
Raba kandi 2Tm 3:1-5