Ijwi ryo mu mutima
Ni ibiki vyerekana ko Yehova yahaye abantu bose ijwi ryo mu mutima?
Raba kandi 2Kr 4:2
Ni ibiki bishobora gushikira ijwi ryo mu mutima igihe umuntu abandanije gukora ibibi?
Kubona ko turiko dukora ibibereye vyoba bihagije?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 18:1-3; 19:1, 2—Yehova yarahambariye umwami Yehoshafati kubera yafashije umwami w’umubisha Ahabu
Ivk 22:19, 20; 26:9-11—Intumwa Pawulo yaravuze ukuntu yahora yiyumvira ko ari vyiza guhama no kwica abayoboke ba Kristu
Dushobora gute kumenyereza neza ijwi ryacu ryo mu mutima?
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
1Sm 24:2-7—Ijwi ryo mu mutima ry’umwami Dawidi ryatumye yubaha umwami Sawuli, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta
Abantu badatunganye bashobora gute kugira ijwi ryiza ryo mu mutima imbere y’Imana?
Ef 1:7; Heb 9:14; 1Pt 3:21; 1Yh 1:7, 9; 2:1, 2
Raba kandi Ivy 1:5
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yes 6:1-8—Yehova yarahumurije umuhanuzi Yesaya ko ibicumuro vyiwe bishobora kubabarirwa
Ivy 7:9-14—Ububasha incungu ya Kristu ifise bwo gukuraho ibicumuro buratuma abagize isinzi rinini bagiranira ubucuti bwiza na Yehova
Kubera iki tudakwiye kwirengagiza ivyo ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ritubwira?
Ivk 24:15, 16; 1Tm 1:5, 6, 19; 1Pt 3:16
Raba kandi Rm 13:5
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 2:25; 3:6-13—Adamu na Eva barirengagije ijwi ryabo ryo mu mutima bagambararira Imana, bituma bamaramara
Neh 5:1-13—Buramatari Nehemiya yaragerageje gukebura Abayuda bagenziwe ngo bisuzume mu mitima yabo, bareke kwirengagiza amategeko y’Imana mu kwaka inyungu y’umurengera