ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 95-97
  • Ukwihangana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwihangana
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 95-97

Ukwihangana

Abasavyi ba Yehova boba bakeneye ukwihangana?

1Kr 13:​4, 7; 1Tm 6:11; 2Pt 1:​5, 6

Kubera iki dukwiye kwitega ko abantu bamwebamwe batitaho inkuru nziza canke mbere bakaturwanya?

Mt 10:22; Yoh 15:​18, 19; 2Kr 6:​4, 5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Pt 2:5; It 7:23; Mt 24:​37-39—Naho Nowa «yamamaza ubugororotsi» benshi ntibamwumviriza, kandi we n’umuryango wiwe ni bo bonyene barokotse wa mwuzure

    • 2Tm 3:​10-14—Intumwa Pawulo yararemesheje Timoteyo afatiye ku vyo ubwiwe yihanganiye

Kubera iki twokwitega guhamwa n’incuti zacu?

Mt 10:​22, 36-38; Lk 21:​16-19

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 4:​3-11; 1Yh 3:​11, 12—Kayini yarishe mwenewabo kubera ko ibikorwa vyiwe vyari bibi ariko ivya Abeli bikaba vyari vyiza

    • It 37:​5-8, 18-28—Benewabo na Yozefu baramutereye mu kinogo hanyuma bamugurisha nk’umushumba. Imvo imwe yabitumye ni uko yabiganiye indoto yaronse ivuye kuri Yehova

Igihe turi mu ruhamo, kubera iki tudakwiye gutinya urupfu?

Mt 10:28; 2Tm 4:​6, 7

Raba kandi Ivy 2:10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 3:​1-6, 13-18—Shadrake, Meshake na Abedinego bari biteguriye gupfa aho gusenga ibigirwamana

    • Ivk 5:​27-29, 33, 40-42—Intumwa zarihanganye zibandanya kwamamaza inkuru nziza naho zari gushobora kwicwa

Ni igiki kizodufasha kudahemukira Yehova naho twoba twatojwe indero?

Img 3:​11, 12; Heb 12:​5-7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gh 20:​9-12; Gus 3:​23-28; 31:​7, 8—Umuhanuzi Musa yaravunitse umutima igihe Yehova yamutoza indero, mugabo yarihanganye gushika kw’iherezo

    • 2Bm 20:​12-18; 2Ng 32:​24-26—Umwami Hezekiya yaracumuye arakosorwa, ariko yaricishije bugufi abandanya gukorera Yehova yihanganye

Kubera iki bishobora kutugora kwihangana igihe abandi bahemukiye Yehova?

Yr 1:​16-19; Hab 1:​2-4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 73:​2-24—Umwanditsi w’amazaburi amaze kuzirikana amahoro ababisha bifitiye n’ingene bimererewe neza, yaribajije akamaro ko kubandanya akorera Yehova

    • Yoh 6:​60-62, 66-68—Intumwa Pawulo yari yiyemeje kubandanya agendera mu kwizera, naho benshi bari bahevye gukurikira Yezu

Ni ibiki bizodufasha kwihangana?

Kwumira kuri Yehova

Gus 30:​19, 20; Rm 15:​5, 6; 1Kr 10:13

Kwiga Ijambo ry’Imana no kurizirikana

Ums 7:12; Rm 15:4; Kl 1:​10, 11; 2Pt 3:​15-18

Kwama dusenga Yehova bivuye ku mutima

Rm 12:12; Kl 4:2; 1Pt 4:7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Dn 6:​4-11—Umuhanuzi Daniyeli yarabandanije gusenga ku mugaragaro adahorereza naho abansi barondera kumugirira nabi

    • Mt 26:​36-46; Heb 5:7—Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, yaratakambiye Yehova, aremesha n’abandi kugira ukwo nyene

Kwama dusenga turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera

Rm 1:​11, 12; Heb 10:​23-25

Kuguma tuzirikana imihezagiro Yehova adusezeranira

Rm 8:25; 1Ts 1:3; Heb 11:6; 12:​1, 2

Kuguma dukomeza urukundo dufitiye Yehova, abavukanyi bacu n’ubugororotsi

Mt 6:33; 1Kr 13:​4-7; 1Ts 3:​12, 13; 1Yh 4:​18, 19

Gukomeza ukwizera kwacu

Ef 6:16; 1Yh 5:4; Yud 20, 21

Kuguma tubona imibabaro mu buryo bwiza

Ivk 5: 40, 41; Yak 1: 2-4; 1Pt 3: 14; 4: 14, 16

Ni ivyiza ibihe biva ku kwihangana?

Turatera iteka Yehova Imana

Img 27:11; Yoh 15:​7, 8; 1Pt 1:​6, 7

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 1:​6-12; 2:​3-5—Shetani yabwiye Yehova ko Yobu adashobora kuguma ari intahemuka. Ukwihangana kwa Yobu ni kwo kwonyene kwokwerekanye ko Shetani ari umubeshi

    • Rm 5:19; 1Pt 1:​20, 21—Kuba Yezu yarihanganye gushika kw’iherezo, vyarishuye iki kibazo gihambaye: Umuntu atunganye yoba ashobora gukora ivyo Adamu atashoboye gukora, akaguma ari intahemuka mu bigeragezo bigoye cane?

Turaremesha abandi kwihangana

Fp 1:​13, 14; Yak 5:​10, 11

Ukwihangana kuratuma igikorwa cacu kivamwo ivyiza

Ums 11:6; Lk 8:15; 2Pt 1:​5-8

Yehova aradushima akongera akaduhezagira nk’uko yabidusezeraniye

Mt 24:13; Lk 21:19; 1Kr 15:58; Heb 10:36

Raba kandi Rm 2:​6, 7; Yak 1:12

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika