ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 107-109
  • Umutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umutima
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 107-109

Umutima

Bibiliya yerekana gute ko umutima w’ikigereranyo usobanura umuntu turi imbere agizwe n’ivyiyumviro, imigambi, kamere n’inyiyumvo?

Zb 49:3; Img 16:9; Lk 5:22; Ivk 2:26

Raba kandi Gus 15:7; Zb 19:8

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Lk 9:​46-48—Yezu yarakosoye intumwa ziwe kubera agatima ko guhahamira ubukuru yabona mu mitima yabo

Kubera iki bihambaye ko turinda umutima wacu?

1Ng 28:9; Img 4:23; Yr 17:9

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 6:​5-7—Ububisha bwari mu mitima y’abantu bwatumye bakora ibibi, bica bituma Imana izana umwuzure kw’isi yose

    • 1Bm 11:​1-10—Umwami Salomo ntiyakingiye umutima wiwe. Yarubakanye n’abagore b’abanyamahangakazi, bahindura umutima wiwe uva kuri Yehova

    • Mr 7:​18-23—Yezu yarerekanye ko mu mutima ari ho hava ikintu cose gishobora gutuma umuntu aboneka ko ahumanye imbere y’Imana

Twokingira gute umutima wacu?

Zb 19:14; Img 3:​3-6; Lk 21:34; Fp 4:8

Raba kandi Ezr 7:​8-10; Zb 119:11

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ef 6:​14-18; 1Ts 5:8—Igihe Pawulo yariko aradondora ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, yarasiguye ko ubugororotsi, ukwizera n’urukundo bishobora gukingira umutima wacu w’ikigereranyo nka kurya ikirwanisho bambara mu gikiriza gikingira umutima w’inyama

Twomenya gute ko umutima wacu w’ikigereranyo ufise ingorane?

Img 21:​2-4; Heb 3:12

Raba kandi Img 6:​12-14

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 25:​1, 2, 17-27—Umwami Amaziya yaramaze igihe akora ivyo Imana ibona ko bigororotse ariko ntabigirane umutima wiwe wose. Yahavuye agira ubwibone yongera arahemuka, yikwegera ingorane

    • Mt 7:​17-20—Yezu yarerekanye ko nka kurya nyene igiti kibi cama ivyamwa bibi, ari na ko umutima umeze nabi utuma umuntu yigenza nabi

Kubera iki twokwihatira kugira umutima umeze neza, kandi twobigira gute?

Img 10:8; 15:28; Lk 6:45

Raba kandi Zb 119:​97, 104; Rm 12:​9-16; 1Tm 1:5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Bm 20:​1-6—Igihe umwami Hezekiya yari agiye gupfa, yaratakambiye Yehova amusaba imbabazi kubera ko yamukoreye n’umutima wiwe wose

    • Mt 21:​28-32—Yezu yarakoresheje ikigereranyo kugira yerekane ko ivyo umuntu akora bihishura uko umutima wiwe umeze kuruta ivyo avuga ko azokora

Kubera iki bihumuriza kumenya ko Yehova asuzuma imitima yacu?

1Ng 28:9; Yr 17:10

Raba kandi 1Sm 2:3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 16:​1-13—Samweli yaramenye ko Yehova ataraba ibiboneka inyuma ahubwo ko araba mu mutima

    • 2Ng 6:​28-31—Isengesho Salomo yatuye igihe urusengero rwegurirwa Yehova ryarerekanye ko Imana ibona ibiri mu mutima itihenda maze ikatugirira imbabazi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika