Umutima
Bibiliya yerekana gute ko umutima w’ikigereranyo usobanura umuntu turi imbere agizwe n’ivyiyumviro, imigambi, kamere n’inyiyumvo?
Zb 49:3; Img 16:9; Lk 5:22; Ivk 2:26
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Lk 9:46-48—Yezu yarakosoye intumwa ziwe kubera agatima ko guhahamira ubukuru yabona mu mitima yabo
Kubera iki bihambaye ko turinda umutima wacu?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 6:5-7—Ububisha bwari mu mitima y’abantu bwatumye bakora ibibi, bica bituma Imana izana umwuzure kw’isi yose
1Bm 11:1-10—Umwami Salomo ntiyakingiye umutima wiwe. Yarubakanye n’abagore b’abanyamahangakazi, bahindura umutima wiwe uva kuri Yehova
Mr 7:18-23—Yezu yarerekanye ko mu mutima ari ho hava ikintu cose gishobora gutuma umuntu aboneka ko ahumanye imbere y’Imana
Twokingira gute umutima wacu?
Zb 19:14; Img 3:3-6; Lk 21:34; Fp 4:8
Raba kandi Ezr 7:8-10; Zb 119:11
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Ef 6:14-18; 1Ts 5:8—Igihe Pawulo yariko aradondora ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, yarasiguye ko ubugororotsi, ukwizera n’urukundo bishobora gukingira umutima wacu w’ikigereranyo nka kurya ikirwanisho bambara mu gikiriza gikingira umutima w’inyama
Twomenya gute ko umutima wacu w’ikigereranyo ufise ingorane?
Raba kandi Img 6:12-14
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 25:1, 2, 17-27—Umwami Amaziya yaramaze igihe akora ivyo Imana ibona ko bigororotse ariko ntabigirane umutima wiwe wose. Yahavuye agira ubwibone yongera arahemuka, yikwegera ingorane
Mt 7:17-20—Yezu yarerekanye ko nka kurya nyene igiti kibi cama ivyamwa bibi, ari na ko umutima umeze nabi utuma umuntu yigenza nabi
Kubera iki twokwihatira kugira umutima umeze neza, kandi twobigira gute?
Raba kandi Zb 119:97, 104; Rm 12:9-16; 1Tm 1:5
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Bm 20:1-6—Igihe umwami Hezekiya yari agiye gupfa, yaratakambiye Yehova amusaba imbabazi kubera ko yamukoreye n’umutima wiwe wose
Mt 21:28-32—Yezu yarakoresheje ikigereranyo kugira yerekane ko ivyo umuntu akora bihishura uko umutima wiwe umeze kuruta ivyo avuga ko azokora
Kubera iki bihumuriza kumenya ko Yehova asuzuma imitima yacu?
Raba kandi 1Sm 2:3
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 16:1-13—Samweli yaramenye ko Yehova ataraba ibiboneka inyuma ahubwo ko araba mu mutima
2Ng 6:28-31—Isengesho Salomo yatuye igihe urusengero rwegurirwa Yehova ryarerekanye ko Imana ibona ibiri mu mutima itihenda maze ikatugirira imbabazi