ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • scl rup. 58-60
  • Inyifato mbi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyifato mbi
  • Ivyanditswe bidufasha mu buzima
Ivyanditswe bidufasha mu buzima
scl rup. 58-60

Inyifato mbi

Ni inyifato mbi izihe abakirisu bakwiye kwirinda?

Agashari no kwipfuza ivy’abandi

Rm 13:9; 1Pt 2:1

Raba kandi Gl 5:26; Tt 3:3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 26:​12-15—Izahaki yarakoze aratama kandi Yehova aramuhezagira, maze Abafilisitiya bamugirira ishari

    • 1Bm 21:​1-19—Umwami mubi Ahabu yaripfuje umurima w’imizabibu wa Naboti, bituma hategurwa umugambi wo kumwicisha

Akagagazo

Yr 13:10

Raba kandi Yr 7:​23-27; Zk 7:​11, 12

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 36:​11-17—Zedekiya yabaye umwami mubi kandi w’akagagazo, akwegera ivyago abo atwara

    • Ivk 19:​8, 9—Intumwa Pawulo yarahevye kubwira inkuru nziza abakomantaje umutima banka kwemera ubutumwa bw’Ubwami

Amahane

Img 26:20; Fp 2:3; 1Tm 3:​2, 3; Tt 3:2; Yak 3:​14-16

Raba kandi Img 15:18; 17:14; 27:15; Yak 3:​17, 18

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 13:​5-9—Abungere ba Aburahamu barashwanye n’abungere ba Loti, ariko Aburahamu yaragarukanye amahoro

    • Abc 8:​1-3—Abagabo b’Abefurayimu barashwaniye cane umucamanza Gideyoni, ariko ukwicisha bugufi kwiwe kwatumye agarukana amahoro

Gukunda amahera, ibintu vy’umubiri

Mt 6:24; 1Tm 6:10; Heb 13:5

Raba kandi 1Yh 2:​15, 16

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 31:​24-28—Naho Yobu yari atunze cane, ntiyakunda amaronko

    • Mr 10:​17-27—Umusore umwe atunze cane yarakunda cane ivyo atunze ku buryo yanse kubiheba ngo akurikire Yezu

Gutinya abantu

Zb 118:6; Img 29:25; Mt 10:28

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gh 13:​25-33—Abisirayeli cumi bagiye gusuma urusaku baratekewe n’ubwoba batuma n’abandi Bisirayeli bagira ubwoba

    • Mt 26:​69-75—Ubwoba bwatumye intumwa Petero yihakana Yezu gatatu

Imyikeko mibi n’ukwagirizanya

Yb 1:​9-11; 1Tm 6:4

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • 1Sm 18:​6-9; 20:​30-34—Umwami Sawuli yariketse ko Dawidi azomuhemukira, agerageza no gutuma Yonatani arwanya Dawidi

Inzigo; umururazi

1Sm 30:6; Ef 4:31; Kl 3:19

Raba kandi Yak 3:14

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ob 10-14—Imana yarahanye Abanyedomu kubera inzigo bagiriye benewabo b’Abisirayeli

Ishari

Raba «Ishari»

Ishavu

Zb 37:​8, 9; Img 29:22; Kl 3:8

Raba kandi Img 14:17; 15:18

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 37:​18, 19, 23, 24, 31-35—Benewabo na Yozefu baramutereye mu kinogo, baramugurisha ngo aje kuba umushumba maze bahenda Yakobo ngo uwo mwana wiwe yakunda cane yarapfuye

    • It 49:​5-7—Simeyoni na Lewi barahanywe kubera ko bagize ishavu rikaze n’uburake bwinshi

    • 1Sm 20:​30-34—Kubera ishavu, umwami Sawuli yaratutse umuhungu wiwe Yonatani agerageza no kumwica

    • 1Sm 25:​14-17—Nabali yaratutse abantu ba Dawidi, aba ashize mu kaga urugo rwiwe

Kuba umunyabwoba

2Tm 1:7; Ivy 21:8

Kutagira ikigongwe

Gus 15:​7, 8; Mt 19:8; 1Yh 3:17

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 42:​21-24—Benewabo na Yozefu baricujije igihe bibuka ingene bafashe nabi Yozefu

    • Mr 3:​1-6—Yezu yaratuntuye cane kubera ukuntu Abafarizayo batagira akagongwe

Kutubaha

Raba «Kutubaha»

Kwibona ubugororotsi

Ums 7:16; Mt 7:​1-5; Rm 14:​4, 10-13

Raba kandi Yes 65:5; Lk 6:37

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 12:​1-7—Yezu yarateye ivyatsi agatima ko kwibona ubugororotsi k’Abafarizayo

    • Lk 18:​9-14—Yezu yarakoresheje ikigereranyo mu kwerekana ko abibona ubugororotsi badashimwa n’Imana

Ubugarariji

1Sm 15:23; Yud 4, 8, 10, 11

Raba kandi Gus 21:​18-21; Zb 78:​7, 8; Tt 1:10

Ubunebwe

Img 6:​6-11; Ums 10:18; Rm 12:11

Raba kandi Img 10:26; 19:15; 26:13»

Ubupfu; kuba imburabwenge

Mr 7:​21-23; Ef 5:17

Raba kandi 1Pt 2:15

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 8:​10-20—Abisirayeli baranse kwumviriza umuhanuzi Samweli igihe yababurira ku bijanye no kugira umwami w’umuntu

    • 1Sm 25:​2-13, 34—Igihe Dawidi yasaba agafashanyo Nabali kubera ivyiza yari yamukoreye, yaravyanse ahakwa gukwegera ivyago urugo rwiwe rwose

Ubwibone

Raba «Ukwita imbere; ubwibone»

Ubwishime; ukwishira hejuru

Raba «Ubwishime»

Ubwiyorobetsi

Raba «Ubwiyorobetsi»

Ukwishira imbere

Gl 5:26; Fp 2:3

Raba kandi Img 3:7; 26:12; Rm 12:16

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Sm 15:​1-6—Abusalomu yariyerekana akarondera kwigarurira imitima y’abantu ngo abe ari we bakunda, aho gukunda se umwami Dawidi

    • Dn 4:​29-32—Umwami Nebukadinezari yarishimye, bituma Yehova amutoza indero

Umwina

Raba «Umwina»

Urwanko

Img 10:12; Tt 3:3; 1Yh 4:20

Raba kandi Gh 35:​19-21; Mt 5:​43, 44

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika