Inyifato mbi
Ni inyifato mbi izihe abakirisu bakwiye kwirinda?
Agashari no kwipfuza ivy’abandi
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 26:12-15—Izahaki yarakoze aratama kandi Yehova aramuhezagira, maze Abafilisitiya bamugirira ishari
1Bm 21:1-19—Umwami mubi Ahabu yaripfuje umurima w’imizabibu wa Naboti, bituma hategurwa umugambi wo kumwicisha
Akagagazo
Raba kandi Yr 7:23-27; Zk 7:11, 12
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Ng 36:11-17—Zedekiya yabaye umwami mubi kandi w’akagagazo, akwegera ivyago abo atwara
Ivk 19:8, 9—Intumwa Pawulo yarahevye kubwira inkuru nziza abakomantaje umutima banka kwemera ubutumwa bw’Ubwami
Amahane
Img 26:20; Fp 2:3; 1Tm 3:2, 3; Tt 3:2; Yak 3:14-16
Raba kandi Img 15:18; 17:14; 27:15; Yak 3:17, 18
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 13:5-9—Abungere ba Aburahamu barashwanye n’abungere ba Loti, ariko Aburahamu yaragarukanye amahoro
Abc 8:1-3—Abagabo b’Abefurayimu barashwaniye cane umucamanza Gideyoni, ariko ukwicisha bugufi kwiwe kwatumye agarukana amahoro
Gukunda amahera, ibintu vy’umubiri
Raba kandi 1Yh 2:15, 16
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yb 31:24-28—Naho Yobu yari atunze cane, ntiyakunda amaronko
Mr 10:17-27—Umusore umwe atunze cane yarakunda cane ivyo atunze ku buryo yanse kubiheba ngo akurikire Yezu
Gutinya abantu
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gh 13:25-33—Abisirayeli cumi bagiye gusuma urusaku baratekewe n’ubwoba batuma n’abandi Bisirayeli bagira ubwoba
Mt 26:69-75—Ubwoba bwatumye intumwa Petero yihakana Yezu gatatu
Imyikeko mibi n’ukwagirizanya
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
1Sm 18:6-9; 20:30-34—Umwami Sawuli yariketse ko Dawidi azomuhemukira, agerageza no gutuma Yonatani arwanya Dawidi
Inzigo; umururazi
Raba kandi Yak 3:14
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
Ob 10-14—Imana yarahanye Abanyedomu kubera inzigo bagiriye benewabo b’Abisirayeli
Ishari
Raba «Ishari»
Ishavu
Zb 37:8, 9; Img 29:22; Kl 3:8
Raba kandi Img 14:17; 15:18
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 37:18, 19, 23, 24, 31-35—Benewabo na Yozefu baramutereye mu kinogo, baramugurisha ngo aje kuba umushumba maze bahenda Yakobo ngo uwo mwana wiwe yakunda cane yarapfuye
It 49:5-7—Simeyoni na Lewi barahanywe kubera ko bagize ishavu rikaze n’uburake bwinshi
1Sm 20:30-34—Kubera ishavu, umwami Sawuli yaratutse umuhungu wiwe Yonatani agerageza no kumwica
1Sm 25:14-17—Nabali yaratutse abantu ba Dawidi, aba ashize mu kaga urugo rwiwe
Kuba umunyabwoba
Kutagira ikigongwe
Gus 15:7, 8; Mt 19:8; 1Yh 3:17
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 42:21-24—Benewabo na Yozefu baricujije igihe bibuka ingene bafashe nabi Yozefu
Mr 3:1-6—Yezu yaratuntuye cane kubera ukuntu Abafarizayo batagira akagongwe
Kutubaha
Raba «Kutubaha»
Kwibona ubugororotsi
Ums 7:16; Mt 7:1-5; Rm 14:4, 10-13
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 12:1-7—Yezu yarateye ivyatsi agatima ko kwibona ubugororotsi k’Abafarizayo
Lk 18:9-14—Yezu yarakoresheje ikigereranyo mu kwerekana ko abibona ubugororotsi badashimwa n’Imana
Ubugarariji
Raba kandi Gus 21:18-21; Zb 78:7, 8; Tt 1:10
Ubunebwe
Img 6:6-11; Ums 10:18; Rm 12:11
Raba kandi Img 10:26; 19:15; 26:13»
Ubupfu; kuba imburabwenge
Raba kandi 1Pt 2:15
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Sm 8:10-20—Abisirayeli baranse kwumviriza umuhanuzi Samweli igihe yababurira ku bijanye no kugira umwami w’umuntu
1Sm 25:2-13, 34—Igihe Dawidi yasaba agafashanyo Nabali kubera ivyiza yari yamukoreye, yaravyanse ahakwa gukwegera ivyago urugo rwiwe rwose
Ubwibone
Raba «Ukwita imbere; ubwibone»
Ubwishime; ukwishira hejuru
Raba «Ubwishime»
Ubwiyorobetsi
Raba «Ubwiyorobetsi»
Ukwishira imbere
Raba kandi Img 3:7; 26:12; Rm 12:16
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Sm 15:1-6—Abusalomu yariyerekana akarondera kwigarurira imitima y’abantu ngo abe ari we bakunda, aho gukunda se umwami Dawidi
Dn 4:29-32—Umwami Nebukadinezari yarishimye, bituma Yehova amutoza indero
Umwina
Raba «Umwina»
Urwanko
Raba kandi Gh 35:19-21; Mt 5:43, 44