ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/8 rup. 32
  • Ukuntu Imana ibona abapfuye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Imana ibona abapfuye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/8 rup. 32

Ukuntu Imana ibona abapfuye

UKUBURA uwawe biratera intuntu vy’ukuri. Ukwumva ataho usigaye, irungu, no kwumva ko hari ico ubuze usanga bitagira uko bivugwa. Umuntu abuze uwiwe, birashobora gutuma yumva ko atagira gitabara, kubera ko ubu ata muntu n’umwe wo kw’isi, naho yoba afise ubutunzi bungana gute, ububasha bungana gute, canke ubukuru bungana gute, ashobora gusubiza muzima uwapfuye.

Ariko rero, Umuremyi wacu wewe, abona ibintu ukundi. Kubera yuko ari we yaremye umuntu wa mbere amukuye mu mukungugu wo hasi, arashoboye kandi gusubira kurema umuntu yapfuye. Kubera ico, Imana ibona abantu bapfuye nk’aho ari bazima. Ku vyerekeye abasavyi b’abizerwa bo mu gihe ca kera bapfuye, Yezu yavuze ati: “Kuri yo bose ni bazima”.​—Luka 20:38.

Igihe Yezu yari kw’isi, yarahawe ububasha bwo kuzura abapfuye (Yohana 5:21). Ni co gituma abapfuye ari abizerwa ababona nk’uko Se ababona. Nk’akarorero, igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ndagiye kumukangura” (Yohana 11:11). Dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, Lazaro yari yapfuye, mugabo kuri Yehova no kuri Yezu, Lazaro yari asinziriye.

Mu gihe Ubwami bwa Yezu buzoba butwara, hazoba “ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe 24:15). Mu nyuma abazoba bazutse bazohabwa inyigisho iva ku Mana, maze baronke icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera.​—Yohana 5:28, 29.

Ego ni ko, ukubura uwawe biratera intuntu nyinshi n’agahinda kenshi, ivyo na vyo bikaba bishobora kumara imyaka n’iyindi. Naho ari ukwo, kubona abapfuye nk’uko Imana ibabona, birashobora kutwirura cane kandi bikatwuzuza icizigiro.​—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika