ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/3 rup. 32
  • Kwigenza neza ‘birashariza inyigisho y’Imana’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwigenza neza ‘birashariza inyigisho y’Imana’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/3 rup. 32

Kwigenza neza ‘birashariza inyigisho y’Imana’

UMWIGEME yitwa Maria w’i Kransnoyarsk mu Burusiya, aririmba neza cane ku buryo umwigisha wiwe yamushize mu mugwi w’abaririmvyi bo kw’ishure. Bidatevye, Maria abigiranye icubahiro yaregereye umwe mu bigisha biwe kugira ngo amusigurire yuko hariho indirimbo adashobora kuririmba. Uti kubera iki? Kubera yuko ukuririmba indirimbo zimota ivy’idini guteye kubiri n’ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya. Nya mwigisha yaratangaye rwose maze yibaza ati: ‘None kuninahaza Imana mu ruririmbo hari ikibi kirimwo?’.

Kugira ngo Maria yerekane igituma atokwemera kuririmba ururirimbo rwerekeye Imana y’Ubutatu, yarazinguruye Bibiliya yiwe maze asigura yuko Imana na Yezu Kirisitu batagize Imana imwe, be n’uko impwemu yera ari inguvu Imana ikoresha (Matayo 26:39; Yohana 14:28; Ivyakozwe 4:31). Maria yigana ati: “Imigenderanire mfitaniye n’uwo mwigisha ntiyahungabanye. Dusanzwe twifitiye abigisha bameze neza mw’ishure iwacu. Bashaka yuko tumera uko turi”.

Mu mwaka w’ishure wose, impagararo ya Maria yatumye abigisha hamwe n’abanyeshure bigana bamwubaha. Maria avuga ati: “Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziramfasha mu buzima bwanje. Umwaka w’ishure urangiye, nararonse icete cemeza yuko ndi imvugakuri be n’uko ndi umunyarutonde, abavyeyi banje na bo baronka ikete rivuye ku buyobozi bw’ishure ryo kubakengurukira kubera bareze neza umwigeme wabo”.

Maria yabatijwe ku wa 18 Myandagaro 2001. Avuga ati: “Ndahimbawe kubona nsukurira Imana nk’iyo y’igitangaza, Yehova!”. Ivyabona vya Yehova bakiri bato bo hirya no hino kw’isi baragendera amajambo dusanga muri Tito 2:10 agira ati: “Muri vyose [u]sharize ivyigishwa vy’Imana, Umukiza wacu”.

[Amafoto ku rup. 32]

Maria n’abavyeyi biwe inyuma y’ibatisimu yiwe

[Amafoto ku rup. 32]

Rya kete ryo gukenguruka be na ca cete cemeza inyifato nziza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika