“Turarutsinze!”
MU MWAKA wa 2002, Ivyabona vya Yehova baragize ihwaniro ry’intara mu gisagara ca Mbandaka, mu Buraruko bushira Uburengero bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo. Igihe ya mpinduro ya Bibiliya y’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu (Les Écritures grecques chrétiennes—Traduction du monde nouveau) yasohorwa mu rurimi rw’ilingala kuri iryo hwaniro, abari baryitavye baratamvye baratarika, abandi na bo barakoragura amosozi. Mu nyuma, abantu barirukanze baja ku mukiruruko kugira barabe iyo Bibiliya nshasha bayegereye, basemerera bati: “Basuki, Basambwe”, bisobanura ngo “Turarutsinze! Baze basubire!”.
Ni kubera iki abari bitavye ihwaniro bari bishwe n’akanyamuneza, kandi ayo majambo bayavugiye iki? Mu turere tumwetumwe twa Mbandaka, ntivyashoboka yuko Ivyabona vya Yehova baronka Bibiliya z’ilingala. Uti kubera iki? Kubera ko amadini yanka kuzigurisha ku Vyabona vya Yehova. Ivyabona bategerezwa guca ku wundi muntu atari Icabona kugira baronke Bibiliya. Urumva rero yuko akamwemwe kariko karabasya kubera amadini atari agishoboye kwongera kubabuza kuronka Bibiliya.
Ivyabona vya Yehova si bo bonyene iyo Bibiliya izogirira akamaro. Izokagirira n’abandi bantu bose. Hari umugabo umwe yashobora gukurikira iryo hwaniro yibereye i muhira iwe kubera ivyuma biduza amajwi vyari ku kibanza c’iteraniro, yandikiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova ati: “Ndahimbawe cane n’isohorwa ry’iyo Bibiliya. Izodutomorera ibintu vyinshi. Jewe sindi Icabona ca Yehova, mugabo si je nzobona ndaronse iyo Bibiliya muhejeje gusohora”.
Bibiliya yitwa Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau ubu iraboneka yose mu ndimi 33, igice cayo c’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu (Les Écritures grecques chrétiennes) na co kikaba kiboneka mu zindi ndimi 19, harimwo n’ilingala. Ubona gute ubajije Icabona ca Yehova ingene woronka iyo Bibiliya nziza igitangaza?