Une bonne nouvelle pour des gens de toutes nations
AKO ubona aho hejuru ni agatabu kasohowe kuri ya mahwaniro y’intara y’Ivyabona vya Yehova yaba mu 2004-2005 yataziriwe ngo “Gendana n’Imana”. Integuro imwe y’ako gatabu ifise impapuro 96, ikaba irimwo ubutumwa bugufi buri mu ndimi 92 zitandukanye, zitondetse guhera ku rurimi rwitwa Afrikaans gushika ku rwitwa Zande. Kagenewe gufasha gushikana inkuru nziza y’Ubwami ku bantu benshi bashoboka (Matayo 24:14). Ivyabonywe bikurikira biratwereka ibikunda gushika igihe ako gatabu gakoreshejwe.
• Umuryango umwe w’Ivyabona umaze kuronka ako gatabu kuri iryo hwaniro, waragendeye ibibanza bitatu vya Leta bitungiwemwo ibikoko. Muri ivyo bibanza, bahasanze abantu bava mu Buhindi, mu Buholande, muri Filipine no muri Pakisitani. Serugo w’uyo muryango yavuze ati: “Naho abo bantu bose bavuga icongereza gikegike, bararyohewe igihe twabereka ubutumwa buri mu rurimi rwabo narirya bari kure cane y’iwabo. Baciye babona neza yuko igikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose be n’uko twunze ubumwe”.
• Hari Icabona umwe yeretse ako gatabu umukozi bakorana ava mu Buhindi. Yararyohewe cane no kubona indimi zose ziri muri ako gatabu maze aca arasoma ubutumwa bwo muri ko bwari bwanditswe mu rurimi rwiwe. Ivyo vyatumye bayaga n’ibindi ku vyerekeye Bibiliya. Uwo bakorana ava muri Filipine yaratangajwe no gusanga ururimi kavukire rwiwe muri ako gatabu maze aripfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova.
• Muri Kanada, hari umupfasoni wo mu gihugu ca Nepal yemeye kwigana Bibiliya n’Icabona umwe w’umuvukanyikazi biciye kuri telefone, mugabo akaba atashaka gutumira uwo muvukanyikazi i muhira iwe. Ariko rero, igihe ico Cabona yabwira uwo mupfasoni ivyerekeye ako gatabu karimwo ubutumwa mu kinepali, yaciye atumira uwo muvukanyikazi ngo aze i muhira iwe. Yumva umenga ntiyogenda atiboneye n’amaso yiwe ubwo butumwa mu rurimi rwiwe kavukire! Guhera ubwo, baciye batangura kuza baragirira inyigisho ya Bibiliya i muhira w’uwo mupfasoni, n’ubu bakaba babandanya.