ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/1 rup. 8
  • Yari umuntu akunda ubuzima n’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yari umuntu akunda ubuzima n’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Woba Ushobora Kwitanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Uratumiwe!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ibikorwa vyiza bitigera vyibagirwa
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Naratewe agateka ko gukorana n’abagabo bakomeye mu kwizera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/1 rup. 8

Yari umuntu akunda ubuzima n’abantu

DANIEL SYDLIK, uwari amaze igihe kirekire ari mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa kabiri igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2006. Yari afise imyaka 87 y’amavuka, akaba yasukuye ari mu bagize umuryango wa Beteli y’i Brooklyn muri New York mu kiringo c’imyaka hafi 60.

Umuvukanyi Dan, ukwo akaba ari ko abagenzi biwe somambike bakunda kumwita babigiranye urukundo, yinjiye muri Beteli mu 1946. Imbere y’aho, yari umutsimvyi adasanzwe muri Kaliforoniya. N’ikindi kandi, yari yaramaze igihe kinaka ari mw’ibohero mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, ahorwa ukutagira aho ahengamiye kwiwe kugenga abakirisu. Ivyamushikiye ico gihe vyaradondowe neza mu nkuru yiwe y’ubuzima yasohotse mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku 1 Ruheshi 1985, ku mutwe uvuga ngo “Que ton amitié est précieuse, ô Dieu!” (Ewe kuntu kuba umugenzi wawe ari ivy’igiciro kinini Mana!).

Umuvukanyi Sydlik yari azwi ko ari umuntu yifata ruto kandi yegereka. Igihe yaba ahagarikiye ugusenga kwo mu gitondo kw’umuryango wa Beteli, ukuntu yabona ibintu mu buryo bwiza be n’ukuntu yakunda ubuzima vyarakunda kugaragarira mu majambo yatanguza, ari yo y’aya: “Birahimbaye kuba turi bazima kugira dukorere ya Mana nzima y’ukuri”. Igihe yaba ariko arashikiriza insiguro z’icese, yararemesha ico ciyumviro mu bandi, mu gushikiriza insiguro nk’izi: “Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova”, “Twerekane umunezero wa Yehova”, “Umuriro w’impwemu y’Imana nugume ururumba muri mwebwe”, be n’iyivuga ngo “Ivyiza biruta ibindi vyose biracari imbere”.

Mu 1970, umuvukanyi Sydlik yarubakanye na Marina Hodson aturuka mu Bwongereza, uwo yavuze ko ari “umufasha yarungikiwe n’Imana”. Barasukuriye Yehova bari kumwe mu kiringo c’imyaka irenga 35.

Mu myaka umuvukanyi Sydlik yamaze kuri Beteli, yarakoreye mu nzego zitandukanye, ushizemwo mw’icapuriro no mu Rwego nshingwayandika. Yarakoranye kandi na ya nsamirizi ya Watchtower ari yo WBBR. Mu nyuma, muri Munyonyo 1974, yaragenywe gukorera mu Nama Nyobozi, akaba yahavuye akorana na Komite nshingwabakozi be na Komite nshingwayandika.

Mu myaka irenga 30 umuvukanyi Sydlik yamaze akorana na Komite nshingwabakozi, igikorwa yaranguye caranzwe n’urukundo rugera kure yakunda abantu. Yararemesha abatari bake akoresheje ijwi ryiwe rikomeye, akama nantaryo ashira ahabona agateka kadasanzwe dufise ko gusukurira Yehova. Ntiyahengeshanya gushira ahabona ivy’uko agahimbare nyakuri ata handi gahagaze atari ku bucuti dufitaniye na Yehova be no ku kuntu tubona ubuzima.

Naho umuryango wa Beteli ubabazwa no kuba utakiri kumwe n’umuvukanyi Sydlik, akarorero yatanze k’ukuba yari umuntu akunda vy’ukuri ubuzima n’abantu kazobandanya kuwugirira akamaro. Turizigiye tudakeka ko ari muri bamwe bavugwa mu Vyahishuriwe 14:13, ahagira hati: “Uhereye none, hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi [im]pwemu [i]ravuga, [i]t’Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika