“Igihugu gitemba amata n’ubuki”
IGIHE Yehova Imana yarokora Abisirayeli abakuye mu Misiri, yasezeranye ko yobajanye mu “gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki.”—Kuvayo 3:8.
Abisirayeli bamaze gushika mu Gihugu c’isezerano, baroroye inka, intama n’impene, bikaba vyaratuma baronka amata menshi. Ariko none twovuga iki ku bijanye n’ubuki? Hari ababona ko ubwo buki ari amazi asosa yava mu ngazi z’itende, mu nsukoni canke mu nzabibu. Vyongeye, ahantu nka hose Bibiliya ivuga idomako ibijanye n’ubuki bw’inzuki, usanga iba iriko ivuga ubuki bwo mw’ishamba, ntiba iriko ivuga ubuki bw’inzuki borora. (Abacamanza 14:8, 9; 1 Samweli 14:27; Matayo 3:1, 4) Ico gihugu none coba vy’ukuri ‘caratemba’ ubuki nk’uko catemba amata?
Ivyo ubucukuzi buherutse kwubura muri Isirayeli yo mu bihe vya none biradufasha kubona neza ingene vyari vyifashe. Ku bijanye n’iyororero ry’inzuki ryubuwe, itororokanirizo ry’amakuru ryo kuri kaminuza imwe yo muri Isirayeli rivuga riti: “Porofeseri (Amihai) Mazar yavuze ko iryo ari ryo yororero ry’inzuki rya kera kuruta ayandi yose amaze gushirwa ahabona mu bibanza vyose vyo mu karere ka kera k’ibihugu vy’Abarabu bimaze kugirwamwo ubucukuzi bw’ivya kera. Iryo yororero ryabayeho kuva mu kinjana ca 10 gushika mu ntango z’ikinjana ca 9 B.G.C.” (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu).
Abacukuzi b’ivya kera bahasanze imizinga irenga 30 itondetse ku mirongo itatu, kandi bagereranije ko ico kibanza cose gishobora kuba carimwo imizinga nka 100. Bihweje iyo mizinga barabonye ibihimba vy’inzuki be n’uduhimbahimba tw’ishashara ry’inzuki mu bisigarira. Abahinga bagereranya ko “hafi itoni yose y’ubuki yashobora guhakurwa muri iyo mizinga buri mwaka.”
Mu bihe vya kera, ubuki bwari ibifungurwa biryoshe, ariko ishashara ry’inzuki ryarakoreshwa n’abahingura ivyuma be n’insato. Iryo shashara bararikoresha kandi ku bibaho vyo kwandikako. Ivyo bibaho vyari vyimburuye indani, bikaba vyari vyuzuyeko ishashara ry’inzuki bashobora gushongesha kugira ngo basubire kubikoresha. None ni iciyumviro ikihe abo bacukuzi bashitseko bihweje ivyo bintu vyubuwe?
Rya tororokanirizo ry’amakuru ribandanya riti: “Naho Bibiliya ata co itubwira ku bijanye n’umwuga w’ubuvumbi muri Isirayeli yo muri ico gihe, iryo yororero ry’inzuki ryubuwe i Tel Rehov rirerekana ko kwegeka no guhakura ubuki bw’inzuki n’ibimamara wari umwuga uteye imbere kuva no mu kiringo ca rwa Rusengero rwa mbere [rwubatswe na Salomo]. Ku bw’ivyo, birashoboka ko ijambo ‘ubuki’ dusanga muri Bibiliya rishaka vy’ukuri kuvuga ubuki bw’inzuki.”
[Abo dukesha ifoto ku rup. 15]
Institute of Archaeology/Hebrew University © Tel Rehov Excavations