ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/7 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/7 rup. 16
Umutama ariko arasenga

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki twosenga?

Yehova Imana ashaka ko tutitinya kwama tumubwira ingorane zacu. (Luka 18:1-7) Aradutega yompi kubera ko atwitwararika. None ko Data wa twese wo mw’ijuru adutera akamo n’umutima mwiza ngo tumusenge, hari imvo yotuma tutamusenga?—Soma Abafilipi 4:6.

Isengesho si uburyo gusa bwo gusaba imfashanyo. Ahubwo riho, isengesho riradufasha kwiyegereza Imana. (Zaburi 8:3, 4) Igihe twama tubwira Imana akari ku mutima, bituma tugiranira na yo ubugenzi somambike.​—Soma Yakobo 4:8.

Twosenga gute?

Igihe dusenga, Imana ntishaka ko dukoresha amajambo yo kwiyerekana canke ngo dusubiremwo ibisabisho twafashe ku mutwe. Eka kandi, si ngombwa ngo twifate mu buryo budasanzwe. Yehova adusaba kumubwira ibivuye ku mutima. (Matayo 6:7) Nk’akarorero muri Isirayeli ya kera, uwitwa Hana yarasenze Imana ayibwira ingorane yamutuntuza yari afise mu muryango. Mu nyuma, intuntu yari afise imaze guhinduka umunezero, yarakengurukiye Imana mw’isengesho rivuye ku mutima.​—Soma 1 Samweli 1:10, 12, 13, 26, 27; 2:1.

Mbega agateka kadasanzwe twatewe! Turashobora kubwira Umuremyi ingorane zacu. Turashobora kandi kumushemeza no kumushimira ku vyo adukorera. Emwe, ntidukwiye gufatira mu rwara ako gateka gahambaye ko gusenga.​—Soma Zaburi 145:14-16.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 17 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika