ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/2 rup. 3
  • Gukora cane—Vyoba vyarataye igihe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukora cane—Vyoba vyarataye igihe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ivyogufasha gukunda ibikorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nukunde ibikorwa
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nunezererwe igikorwa cawe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/2 rup. 3
Umugabo yicaye acitse intege, mu gihe bagenziwe babandanya gukora

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYOGUFASHA GUKUNDA IBIKORWA

Gukora cane​—Vyoba vyarataye igihe?

Alex araterura ikindi gikarato akagishira mw’ikamyo y’ishirahamwe akorera rifasha abantu kwimuka. Ariruhutsa agaca yibaza ati: ‘Nzoguma nterura amakarato gushika ryari? Sinzopfa nteye imbere? Ese iyaba nobaho ntakora!’

Cokimwe na Alex, abantu benshi ntibashima gukora cane. Umukanitsi w’imiduga yitwa Aaron avuga ati: “Abantu benshi bibaza yuko barengeye gukora akazi kitwa ko kabayabaye. Bakunze kuvuga bati: ‘Reka mpfe gukora aka kazi mu kurindira ko ndonka akandi keza.’”

Kubera iki abantu benshi banka gukora cane? Bishobora kuba bitumwa n’ibimenyeshamakuru, bino bikaba bikunze kwereka abantu ko ubuzima ari ukurya wicaye. Matthew, uwukora ivyo kubungabunga inyubakwa, avuga ati: “Abantu biyumvira yuko gukora cane kugira ubeho vyerekana ko uba udafise ubuzima bwiza.” Shane asukura amazu na we nyene yarabonye ko abantu biyumvira gutyo. Avuga ati: “Abantu basigaye bipfuza gukora umwanya muto ariko bahembwe menshi.”

Ku rundi ruhande abantu benshi babayeho neza, usanga bakunda akazi. Daniel w’imyaka 25 akaba ari umwubatsi, avuga ati: “Gukora cane ni ikintu gituma uhimbarwa cane, canecane igihe akazi ukora kagufasha gushika ku bintu vy’ingirakamaro.” Andre w’imyaka 23 na we ni ko abibona. Avuga ati: “Gukora bituma ugira agahimbare n’umunezero.” Abandanya ati: “Kudakora cane ntibizana agahimbare karamba ahubwo riho bituma umuntu aguma arambiwe!”

Abantu nka Daniel na Andre bashoboye gute gukunda akazi? Muri make, ni uko bashize mu ngiro impanuro ziri muri Bibiliya. Bibiliya ituremesha kuba abanyamwete no kwumira kw’ibanga aho kuturemesha kudakora cane. Ariko rero, Bibiliya ntitubwira gusa ko dukwiye gukora, iratwereka kandi ukuntu twohimbarwa n’akazi dukora.

Ni impanuro izihe dusanga muri Bibiliya zishobora kugufasha kunezererwa akazi kawe? Raba zimwezimwe mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika