Icigwa nomero ya 3—Kugenekereza igihe ibintu vyagiye biraberako mu rukurikirane rw’ibihe Igitabu “Ivyanditswe Vyose”
Ingene mu bihe vya Bibiliya igihe caharurwa, be n’ikiganiro cerekeye urukurikirane rw’ibintu bikurubikuru vyabaye bivugwa mu Vyanditswe vy’Igiheburayo no mu Vyanditswe vy’Ikigiriki.
24 Munyonyo
Kugenekereza igihe ibintu vyagiye biraberako mu rukurikirane rw’ibihe
(si-SW rup. 284-285 ing. 1-4)
1. (a) Ni igiki cerekana yuko Yehova akurikiza igihe ata kwihenda? (b) Ni iterambere irihe ryagezweko mu vy’ugutahura igihe ibintu bivugwa muri Bibiliya vyagiye biraberako?
IGIHE umumarayika wa Yehova yariko yereka Daniyeli mu buryo bumeze nk’indoto ivyerekeye “umwami w’i burārūko” n’ “umwami w’i bumanuko”, yarakoresheje incuro zitari nke imvugo ngo “igihe cashinzwe” (Dan. 11:6, 27, 29, 35). Hariho n’ibindi vyanditswe vyinshi vyerekana yuko Yehova akurikiza igihe ata kwihenda, ko ashitsa imigambi yiwe ku gihe nyene yashinze ko izorangukirako (Luka 21:24; 1 Tes. 5:1, 2). Mw’ijambo ryiwe Bibiliya, yaratanze “ibimenyetso” bitari bike bidufasha kumenya igihe ibintu bihambaye vyagiye biraberako mu rukurikirane rw’ibihe. Harabaye iterambere rikomeye mu vy’ugutahura urukurikirane rw’ibihe ibintu bivugwa muri Bibiliya vyagiye biraberako. Ubushakashatsi bwagizwe n’abacukuzi be n’abandi, burabandanya gushira ahabona ibintu bitandukanye vyahoze bigorana gutahura, bugatuma dushobora kumenya neza ibihe ibintu nyamukuru bivugwa muri Bibiliya vyagiye biraberako.—Imig. 4:18.
2. Tanga akarorero ko guharura ukoresheje ibitigiri gaharura gatondeshamurongo.
2 Ibitigiri gaharura n’ibitigiri gaharura gatondeshamurongo. Mu nyigisho iheruka (ingingo ya 24 na 25), twize yuko hariho itandukaniro hagati y’ibitigiri gaharura n’ibitigiri gaharura gatondeshamurongo. Ivyo, umuntu arakwiye kubigumiza mu muzirikanyi igihe aharura ibiringo bivugwa muri Bibiliya yisunze uburyo bukoreshwa mu gihe ca none mu kumenya amatariki ibintu vyagiye biraberako. Nk’akarorero, igihe havugwa “umwaka ugira mirongwitatu n’indwi Yehoyakina umwami w’i Buyuda ari mu mugozi”, imvugo ngo “ugira mirongwitatu n’indwi” ni igitigiri gaharura gatondeshamurongo. Cerekana imyaka 36 yuzuye, kwongerako imisi kanaka, amayinga kanaka canke amezi kanaka (ni ukuvuga igihe cose coba carahaciye kuva mu mpera z’umwaka wa 36).—Yer. 52:31.
3. (a) Ni amakuru ayahe yerekeye Amaleta, afasha mu vyo kumenya amatariki y’ibivugwa muri Bibiliya? Umwaka w’ukuganza wari iki? Umwaka w’ukwima wowo wari iki?
3 Imyaka y’ukuganza be n’imyaka y’ukwima. Bibiliya iravuga ivyerekeye amakuru yo mu vy’intwaro ya Leta y’Ubuyuda n’iya Isirayeli, be n’ibintu vyerekeye Leta za Babiloni n’Ubuperesi. Muri ubwo bwami bwose uko ari bune, urukurikirane rw’ibihe ibintu vyabaye muri ayo Maleta vyagiye biraberako, rwaraharuwe ata kwihenda hishimikijwe ibiringo vy’ukuganza kw’abami, kandi uburyo bwo guharura nk’ubwo bwarakoreshejwe no muri Bibiliya. Kenshi cane, Bibiliya iratanga izina ry’icandikano yakuyemwo amajambo kanaka. Nk’akarorero, “Igitabo c’Ivyakozwe na Salomo” (1 Abm. 11:41). Igihe c’ingoma y’umwami carajamwo ikiringo kinaka co mu mwaka w’ukwima gikurikirwa n’imyaka yuzuye y’ukuganza . Imyaka y’ukuganza yari imyaka yemewe umwami yamara ku ngoma, ikaba muri rusangi yaharurwa kuva mu kwezi kwa Nisani gushika mu kundi kwa Nisani, ni ukuvuga kuva mu mpeshi gushika mu yindi mpeshi. Igihe umwami yaba asubiriye uwundi ku ngoma, ikiringo c’amezi yamara imbere y’uko ukwezi kwo mu mpeshi kwa Nisani gushika, bacita umwaka w’ukwima kwiwe, kikaba cari igihe yaba ariko araheraheza ikiringo c’ingoma y’uwo yaba asubiriye. Igihe ciwe c’ugutwara coco batangura kugiharura kw’igenekerezo rya 1 Nisani riza.
4. Erekana ukuntu urukurikirane rw’igihe ibintu bivugwa muri Bibiliya vyagiye biraberako rushobora guharurwa hakurikijwe imyaka y’ukuganza.
4 Nk’akarorero, bigaragara yuko Salomo yatanguye kuganza igihe kinaka imbere y’ukwezi kwa Nisani kwo mu 1037 B.G.C., ico gihe Dawidi akaba yari akiriho. Haciye igihe gito, Dawidi yaciye atanga (1 Abm. 1:39, 40; 2:10). Ariko rero, umwaka wa nyuma w’ukuganza kwa Dawidi warabandanije gushika mu mpeshi yo mu 1037 B.G.C., ico gihe kikaba cabandanije guharurwa ko kiri mu myaka 40 y’ubutegetsi bwiwe. Ico gice c’umwaka, ni ukuvuga kuva Salomo agiye ku butegetsi gushika mu mpeshi yo mu 1037 B.G.C., kivugwa ko ari umwaka w’ukwima kwa Salomo, ku bw’ivyo kikaba kitari gushobora guharurwa ko ari umwaka w’ingoma yiwe, kubera yuko yariko aheraheza igihe c’ubutegetsi bwa se. Kubera ivyo, umwaka wa mbere wuzuye w’ingoma ya Salomo wagiye gutangura mu kwezi kwa Nisani kwo mu 1037 B.G.C. (1 Abm. 2:12). Amaherezo, bivugwa yuko Salomo yamaze imyaka 40 yuzuye ari ku ngoma (1 Abm. 11:42). Mu gutandukanya gutyo imyaka y’ukwima n’imyaka y’ukuganza, turashobora guharura ata kwihenda urukurikirane rw’igihe ibintu bivugwa muri Bibiliya vyagiye biraberako.a
[Footnote]
a Mu kwiga iki kigabane, vyoba vyiza uravye mu gitabu Étude perspicace des Écritures, Imbu. 1 urupapuro rw’463-470.