ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/00 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 11/00 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza mu kwezi kwa Munyonyo: Igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36 rizobandanya. Amashengero ahetura ivyibare vyayo mu gushikira abanyamuhana bo mu rugo rwose mu kubaha ikopi y’Inkuru z’Ubwami No. 36, arashobora gutanga agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Niba abantu baramaze kubironka, igitabu Kubaho Ibihe Bidashira canke igitabu Création bishobora gukoreshwa. Kigarama: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera hamwe na Bibiliya yitwa Traduction du monde nouveau. Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohowe imbere y’1986 ishengero ryoba rifise mu bubiko. Amashengero afise igitabu L’humanité à la recherche de Dieu arashobora kandi kugitanga. Ruhuhuma: Ibitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, La Révélation—le grand dénouement est proche!, canke igitabu ca kera ico ari co cose c’impapuro 192 ishengero rifise mu bubiko.

◼ Inyongera y’iki Gikorwa Dukorera Ubwami ni “Urutonde rw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001” kandi umuntu akwiye kuyizigama kugira azoze arayikorako mu mwaka w’2001 wose.

◼ Imigwi y’abamamaji bategekanije kugira uruhara mu gukorera mu cibare atawe cashinzwe mu mezi ari imbere bakwiye gutegekanya gushikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu ubumenyi mu murimo wabo wo mu ndimiro.

◼ Isekeza ry’Inkuru z’Ubwami niryarangira, amashengero azoba agifise Inkuru z’Ubwami No. 36 arashobora kuremesha abamamaji kuzishikiriza nk’uko bashikiriza amataragiti—inzu ku nzu be no mu bundi buryo. Nivyaba bibereye, abamamaji bashobora gusiga imwe ku muhana badasanzeko umuntu, bakaraba neza yuko idashobora kubonwa n’uwurengana. Hakwiye kugirwa utwigoro two kugabanganya amakopi yose asigaye y’ubwo butumwa buhambaye.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke umuntu yagenywe na we akwiye gukenguza ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Kigarama canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira ihejeje gusomwa.

◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba igitabu c’umwaka Annuaire des Témoins de Jéhovah 2001 igihe asaba ibisohokayandikiro muri Munyonyo. Iyo Annuaire izoboneka mu Carabu, mu Congereza, no mu Gifaransa. Gushika aho iyo Annuaire izobonekera kandi ikarungikwa, ku mpapuro ziherekeza ibirungitswe hazoguma handitsweko ‘biri mu nzira.’ Annuaires ni ibitabu bisabwa mu buryo budasanzwe.

◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:

Ni Ibiki Imana Idusaba?—mu Kiluganda, mu Kiluwo, mu Kinyankore, mu Kinyateso no mu Kirutoro

◼ Ibisohokayandikiro Biboneka:

Yezu Kirisitu—Ni Nde? (Itaragiti No. 24)—mu Congereza, mu Giswahili, mu Kirundi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika