Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera n’Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Imwe Nsa y’Ukuri. Akigoro kadasanzwe kazogirwa kugira ngo hatanguzwe inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Abo tubonanye ugushimishwa igihe dusubiye kubagendera, twoshobora kubasaba kugirisha abonema. Nushikirize igitabu Ubumenyi canke akaboroshire Ni Ibiki Imana Idusaba?, ufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Ruheshi: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Nimwitunire ku gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.
◼ Abamamaji bipfuza gukora nk’abatsimvyi bafasha muri Ndamukiza bakwiye kubitegekanya ubu hanyuma bagasubiza amafomu bujuje hakiri kare. Ivyo bizofasha abakurambere kugira indinganizo zikenewe z’ivyo gusohoka mu ndimiro kandi bategekanye ivy’uko hoba hari ibinyamakuru bikwiye hamwe n’ibindi bisohokayandikiro vyo gushikiriza. Amazina yabemerewe bose gukora ubutsimvyi bwo gufasha akwiye gutangarizwa ishengero.
◼ Icibutso kizohimbazwa ku w’Iyinga igenekerezo ry’8 Ndamukiza 2001. Nta yandi makoraniro azogirwa kuri uyo musi kiretse ay’ugusohoka mu ndimiro. Abakurambere barashobora kugira indinganizo zibereye z’ivy’uko Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi irongorwa mu kindi gihe.
◼ Abakukira ishengero rinaka bakwiye kurungika udukaratasi tw’abasavye abonema canke kuvugurura abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, badasize inyuma abonema zabo bwite biciye kuri iryo shengero bakukira.
◼ Sosiyete ntironsa abamamaji ibisohokayandikiro basavye umwe wese ukwiwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye kuringaniza ivy’uko ku kwezi ku kwezi hashikirizwa itangazo imbere y’uko ishengero rirungikira Sosiyete ya fomu yo gusaba ibisohokayandikiro ku kwezi, kugira ngo abipfuza bose kuronka ibisohokayandikiro ku giti cabo bashobore kubimenyesha umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye ntimwibagire ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe.
◼ Ni ibiranga ubukerebutsi ko imigwi y’abantu 20 canke barenga mu gihe bategekanya ivy’ukugendera Beteli babimenyesha ibiro imbere y’igihe bakoresheje ikete. Imbere y’uko ugendera Beteli, turagusavye wihweze Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998 Inyishu ku Bibazo Vyanyu, ku bijanye n’inyambaro ibereye hamwe n’uburyo bwo kwitunganya igihe ugendera inyubakwa za Beteli.
◼ Hariho umuganda w’inzandiko y’ivy’amategeko agenewe gusahiriza abamamaji bari mu manza zerekeye uwosigarana abana inyuma y’ukwahukana hamwe n’ugushobora kubagendera, zikaba ari imanza usanga ziburanya idini yacu. Uwo muganda w’amakete ukwiye gusabwa n’inama y’abakurambere igihe gusa biboneka ko ivyo abamamaji bemera mu vy’idini bizoharirwako. Ku bahangana n’ibibazo isi ivyura ku vyerekeye uwosigarana abana canke ukubagendera, amakuru ngirakamaro arashobora kuboneka muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama 1997, urupapuro rwa 3-12; muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1988, urupapuro rwa 2-14; no mu gicapo dusanga muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ndamukiza 1991, urupapuro rw’9.
◼ Ivyibukijwe: Ntibibereye kugumya terefone yo mu minwe yakije mu gihe c’amakoraniro y’ishengero, amateraniro, n’amahwaniro. Ntidushaka gusamaza abumviriza mu buryo na bumwe ngo ntibakurikire porogarama y’ivy’impwemu yateguwe ku bw’ico gihe.
◼ Itangazo ryo mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2001 ryari rikwiye gusomwa uku: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera—mu Gishinwa Coroheje (Pinyin). Ibisohokayandikiro vyo mu Gishinwa Coroheje (Pinyin) birimwo igisomwa co mu Gishinwa Coroheje kiri kumwe n’utumenyetso tw’ukuntu Igipinyine gisomwa. Ivyo bisohokayandikiro ni rufasha canecane ku bariko bariga gusoma Igishinwa c’Ikimandarini.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?—mu Kiganda, no mu Kizande
Ni Ibiki Imana Idusaba?—mu Gishinwa Coroheje (Pinyin)
Prêtons attention à la prophétie de Daniel!—mu Gitigirinya
Sujets de conversations bibliques—muri Amurahike