ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/01 rup. 3
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 9/01 rup. 3

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nyakanga: Le plus grand homme de tous les temps, Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw’Iparadizo ngaha Kw’Isi hamwe na Révélation: le grand dénouement est proche! Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Habonetse abashimishwa igihe dusubiye kubagendera, twoshobora kubasaba kugirisha abonema. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? Canke igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Nimba abantu baramaze kubironka, igitabu L’Humanité à la recherche de Dieu canke ikindi ca kera birashobora gushikirizwa. Kigarama: Ako ari kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gushikirizwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité? Intwaro Izozana Iparadizo, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?, “Voici, je fais toutes choses nouvelles,” hamwe na Iyo Uwo Wakunda Apfuye. Udutabu Imizimu y’Abapfuye–Yoba Ishobora Kugufasha canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Un livre pour tous, hamwe na Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre? na two nyene twoshobora gushikirizwa aho bikwiriye.

◼ Abakurambere baributswa gukurikiza amabwirizwa yatanzwe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991, urupapuro rwa 19-22, yerekeye abantu abo ari bo bose baciwe canke biyonkoye kw’ishengero boba bafise agatima ko kugaruka.

◼ Ikete ryo ku wa 10 Ndamukiza 2001 ryarungikiwe amashengero yose, ryatangaje ko hasohotse ikaseti videwo nshasha ivuga ngo No Blood—Medicine Meets the Challenge (Ubuvuzi Butsinda Urugamba rwo Kuvura Hadakoreshejwe Amaraso). Iyo porogarama yateguriwe canecane abantu batari Ivyabona. Rero, bivuye ku kuntu twibwiriza gutanguza ibiyago maze tukarabira hamwe iyo porogarama n’abafise abo bubakanye batizera canke incuti zitizera, abigisha, abo dukorana ku kazi, abo twigana kw’ishure, ababanyi hamwe n’abatohoji ba Bibiliya birashobora kuvamwo ivyiza vyinshi. Ibibazo ivyo ari vyo vyose abo batari Ivyabona bogira canke ico ari ico cose bovuga kuri iyo porogarama tumaze kuyirabira hamwe, vyoshobora gutanga akaryo ko gusubira kubagendera canke gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:

Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Kandi Bemera Iki?—mu Giswahili, mu Kirundi

Index des Publications de la Société Watch Tower 1986-2000—mu Congereza

Niwijukire Gusoma no Kwandika—mu Kirundi

Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!—mu Kirundi

Twagizwe Ishirahamwe ngo Dushitse Ubusuku Bwacu—mu Kirundi

Uguhumurizwa ku Bihebuye (itaragiti)—mu Kirundi

◼ Amakaseti Mashasha yo Kuraba Aboneka:

Le Plus grand homme de tous les temps—Ku Makaseti yo kuraba, Imbumbe 1—mu Mvugo y’Ibimenyetso y’Abanyamerika

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika