Abantu Bahiriwe Kuruta Abandi kw’Isi
1 “Hahirwa ihanga rifise [Yehova] kw Imana yaryo.” (Zab. 144:15) Ayo majambo adondora Ivyabona vya Yehova ko ari abantu bahiriwe kuruta abandi kw’isi. Nta munezero uriho uruta uwuva ku gukorera Imana nzima yonyene y’ukuri, ari yo Yehova. Kubera ari “Imana ihimbawe” (UB), abamusenga na bonyene baragaragaza ukwo guhimbarwa. (1 Tim. 1:11) Ni imice imwimwe iyihe y’ugusenga kwacu ituma tuba abantu bahiriwe gutyo?
2 Imvo Zituma Tuba Abahiriwe: Yezu yaradukuye amazinda yuko ubuhirwe buva ku kuba “abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Mat. 5:3, NW) Kubandanya kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro yacu yose ya gikirisu biratuma turonka ivyo dukeneye. Kwiga ukuri kw’Ijambo ry’Imana kwaratubohoye ibinyoma vy’amadini. (Yoh. 8:32) Ivyanditswe vyaratwigishije kandi uburyo bwiza buhebuje bwo kubaho. (Yes. 48:17) Kubera ico, turinovora ubugenzi bwiza bwa gikirisu burangwa mu muryango wacu w’abavukanyi uhimbawe.—1 Tes. 2:19, 20; 1 Pet. 2:17.
3 Turaronka umunezero mwinshi uva ku kugamburuka ingingo mfatirwako z’Imana ziri hejuru, kubera tuzi yuko ivyo biturinda kandi bigatuma Yehova anezerwa. (Imig. 27:11) Umumenyeshamakuru umwe yavuze ati: “Naho ingingo mfatirwako zabo zose zitoroshe, Ivyabona vya Yehova ntibaboneka ko badahimbawe. Ahubwo si uko biri. Abakiri bato cokimwe n’abakuze [bari muri bo], biboneka ko bafise umunezero n’uburimbane batari basanganywe.” None dushobora gufasha abandi gute kugira ngo dusangire umunezero dufise mu buzima?
4 Dufashe Abandi Kuronka Ubuhirwe: Isi yuzuye amaganya, kandi muri rusangi kazoza k’abantu kari mu mwiza. Ariko rero, twebwe dufise kazoza gasayangana, tuzi yuko umusi uri izina imibabaro yose izoba itakiriho. (Ivyah. 21:3, 4) Ku bw’ico, turagira uruhara mu busuku dushirutse umwete, mu kurondera abafise imitima nziraburyarya, tukababwira icizigiro dufise n’ivyo twemera ku vyerekeye Yehova.—Ezk. 9:4.
5 Umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi yavuze ati: “Nta kintu na kimwe kiriho kimara akanyota kuruta gufasha abantu bagashika ku kumenya Yehova n’ukuri kwiwe.” Nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo turemeshe benshi bemere kugirirwa inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Gukorera Yehova no kwitanga ubwacu mu gufashe abandi ngo bamukorere, birarushiriza kuzana ubuhirwe.—Ivyak. 20:35.