ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/02 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 2/02 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruhuhuma: La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, La Révélation: le grand dénouement est proche!, canke igitabu cose ca kera c’impapuro 192 coba kiri mu bubiko bw’ishengero. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Akigoro kadasanzwe kazogirwa kugira ngo hatanguzwe inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ahabonetse abashimishijwe igihe c’amasubirayo, nimubasabe kwandikisha abonema. Nimushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenywe na we akwiye gukenguza amakonte y’ishengero ku wa 1 Ntwarante canke vuba bishoboka inyuma y’aho. Ivyo bimaze kugirwa, mubitangarize ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira imaze gusomwa.

◼ Umunyamabanga hamwe n’umucungezi w’umurimo bakwiye kwihweza igikorwa c’abatsimvyi basanzwe bose. Nimba hoba harimwo abafise ingorane zo gushitsa amasaha asabwa, abakurambere bakwiye kuringaniza ivy’uko bosahirizwa. Murashobora kuronka ivyivyumviro musubiyemwo ikete S-201-RU ryo ku wa 1 Gitugutu Sosiyete irungika ku mwaka ku mwaka. Raba kandi inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami (mu Giswahili) co mu kwezi kwa Myandagaro 1986 ingingo ya 12-20.

◼ Umunyamabanga akwiye kuraba yuko Komite y’Ubwubatsi y’Intara iguma izi uko ivy’abamamaji babatijwe bose bashikirije ya mafomu (S-82) y’Ugusaba Kwinjira Muri ya Porogorama y’Abakora Bavyishakiye mu Bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami vyifashe. Nimba hari ivyahindutse mu kuntu ivy’umukozi akora avyishakiye vyifashe, nk’igihe yimutse canke agenywe kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere, amafomu mashasha akwiye kwuzuzwa neza kandi agashikirizwa. Nimba aderese y’uwo mukozi canke inomero ziwe za terefone bihindutse, canke akaba atagifise inyifato nziza mw’ishengero, abakurambere bakwiye guca babimenyesha komite y’intara ubwo nyene bakoresheje ikete.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2002 izoshikirizwa ku w’Iyinga igenekerezo rya 14 Ndamukiza. Umutwe-shimikiro w’iyo nsiguro uzoba ari “Nugumize Hafi mu Muzirikanyi wa ‘Musi Uteye Ubwoba’!” Urucacagu rw’iyo nsiguro muzoruhabwa. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko kuri iyo mpera y’umushamvu, ayazoba afise iteraniro ry’umuzunguruko, canke ayazoba afise umusi w’iteraniro ridasanzwe, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi ikurikira. Nta shengero rikwiye gushikirizwa iyo nsiguro idasanzwe imbere yo ku wa 14 Ndamukiza 2002.

◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:

La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains I—mu Ndome Nininini —mu Giswahili

La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II —mu Carabu, mu Gishinwa no mu Gishinwa (Coroheje)

La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II—mu Ndome Nininini —mu Congereza

Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau (imwe yitwa Deluxe ishobora kuja mu mupfuko; hari iz’igipfukisho cirabura canke gishaka gutukura)—mu Gishinwa (Coroheje)

Ni Ibiki Imana Idusaba?—mu Gipunjabi

Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi—Mu Congereza [ntikiraherahezwa]

Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera—mu Luganda

Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!—mu Achole, Kikamba, Kikuyu, Kirundi no mu Luganda

Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? (Agapapuro k’Inkuru Nziza No. 26)—mu Carabu, mu Gifaransa

◼ Amakaseti Mashasha yo Kuraba Aboneka Ni:

Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose—Imbumbe ya 5—mu Mvugo y’Ibimenyetso y’Ikinyamerika

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika