ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/02 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 3/02 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Abamamaji bakwiye kumenyesha abanyamuhana yuko bashobora guterera ku bw’igikorwa gikorerwa kw’isi yose nimba bavyipfuza. Aho abantu bashimishijwe, nushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ugira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ruheshi: Ni Ibiki Imana Idusaba?, canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Aho abanyamuhana bafise ivyo bisohokayandikiro, nushikirize agatabu kabereye ishengero rifise mu bubiko.

◼ Abamamaji bipfuza gukora ari abatsimvyi bafasha muri Ndamukiza bakwiye kubitegekanya ubu hanyuma bagasubiza amafomu bujuje hakiri kare. Ivyo bizofasha abakurambere kugira indinganizo zikenewe z’ivyo gusohoka mu ndimiro kandi bategekanye ivy’uko hoba hari ibinyamakuru bikwiye hamwe n’ibindi bisohokayandikiro vyo gushikiriza. Amazina y’abemerewe bose gukora ubutsimvyi bwo gufasha akwiye gutangarizwa ishengero ukwo ukwezi gutashe.

◼ Icibutso kizohimbazwa ku wa Kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2002. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira amakoraniro ku munsi wa Kane, ayo makoraniro akwiye kwimurirwa ku wundi musi wo muri iyo ndwi nimba Ingoro y’Ubwami izoba ishobora gukoreshwa. Nimba ivyo bidashoboka kandi Ikoraniro ry’Umurimo ryanyu rikaba ryogira ico rihomba, ibihimba vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu mushobora kuzovyongera ku rindi Koraniro ry’Umurimo.

◼ Ibiro vy’ishami si vyo vyuzuza ifomu yo gusaba ibisohokayandikiro bisabwa n’umwamamaji umwumwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko itangazo ryogirwa ku kwezi ku kwezi imbere yuko ifomu y’ugusaba ibisohokayandikiro vy’ishengero ku kwezi ku kwezi irungikwa ku biro kugira ngo abo bose bipfuza kuronka ibisohokayandikiro ku gatwe kabo bashobore kwegera umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabinginze mugume mwibuka ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.

◼ Birahambaye yuko imigwi y’abantu 20 canke barenga mu gihe bategekanya kugendera inyubakwa za Beteli babimenyesha ibiro imbere y’igihe bakoresheje ikete. Turabasavye mumenyeshe igitigiri c’abazoza n’igenekerezo bazozirako. Imbere yuko muhagendera, turabasavye mwihweze Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ntwarante 1998 ahavuga ngo: Inyishu ku Bibazo Vyanyu, ku bijanye n’inyambaro ibereye hamwe n’uburyo bwo kwitunganya igihe ugendera inyubakwa za Beteli.

◼ Hariho umuganda w’inzandiko z’ivy’amategeko agenewe gusahiriza abamamaji bari mu manza zerekeye ukugumana abana inyuma y’ukwahukana hamwe n’ivyerekeye kubagendera, muri izo manza ugasanga idini yacu barayifatira mu gahanga. Uwo muganda w’izo nzandiko ukwiye gusabwa n’inama y’abakurambere igihe gusa biboneka ko ivyo abamamaji bemera mu vy’idini bizoharirwako. Ku bahanganye n’ibibazo isi ivyura ku vyerekeye uwugumana abana canke ukubagendera, amakuru ngirakamaro arashobora kuboneka muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama 1997, urupapuro rwa 3-12; muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1988, urupapuro rwa 2-14; no mu gicapo dusanga muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ndamukiza 1991, urupapuro rw’9.

◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:

Comment raisonner à partir des Écritures—mu rurimi rwitwa: Amharic

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya—mu Kiganda

Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques—mu rurimi rwitwa: Tigrinya

Woba Ushaka Kumenya Vyinshi Ku Vyerekeye Bibiliya? (Agapapuro k’Inkuru Nziza No. 26)—mu ndimi zitwa: Amharic na Urdu

◼ Amakaseti ya Videwo Mashasha Aboneka:

Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose—Kw’Ikaseti ya Videwo, Imbumbe ya 6—mu Rurimi rw’Ibimenyetso rw’Ikinyamerika

◼ Ibisohokayandikiro vy’Impumyi Bishasha Biboneka:

Annuaire des Témoins de Jéhovah 2002 (imbumbe zitatu)—Igice ca kabiri mu Congereza

La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II (imbumbe zine)—Igice ca kabiri mu Congereza

Une vie pleinement satisfaisante: Comment? (imbumbe imwe)—Igice ca kabiri mu Congereza

Woba Ushaka Kumenya Vyinshi Ku Vyerekeye Bibiliya? (Agapapuro k’Inkuru Nziza No. 26) (imbumbe imwe)—Igice ca kabiri mu Congereza

Ibimenyeshejwe: Ibisohokayandikiro vy’impumyi bikwiye gusabwa biciye kw’ishengero. Ifomu yo Gusabirako Ibinyamakuru iri ukwayo (S-14) itegerezwa kwuzuzwako ku bw’ikintu canditswe mu nyuguti z’impumyi, hariko n’izina na aderese y’umusomyi w’inyuguti z’impumyi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika