Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohowe imbere yo mu 1988 coshobora gushikirizwa. Amashengero adafise ibitabu vya kera vy’impapuro 192, yoshobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu. Ruhuhuma: Ca gitabu gishasha gifise umutwe uvuga ngo Niwiyegereze Yehova ni co kizoshikirizwa. Amashengero atararonka ico gisohokayandikiro yoshobora gukoresha ca gitabu Création canke igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche! Ntwarante: Nimushikirize igitabu Ubumenyi, hazogirwa akigoro ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, nimwitwararike canecane gushikiriza igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Harakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, canecane niba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
◼ Guhera muri Ruhuhuma kandi hatarenze igenekerezo rya 2 Ntwarante, insiguro y’icese nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ivuga ngo “Kubohorwa Tukava mw’Isi y’Umwiza.”
◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zerekeye uguhimbaza Icibutso muri uyu mwaka ku wa Gatatu igenekerezo rya 16 Ndamukiza izuba rirenze. Naho insiguro ishobora gutangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritaramara kurenga. Murabaririkiriza kugira ngo mumenye igihe izuba rirengera mu karere iwanyu. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure ishengero rimwe canke ayarenga arashobora kuronka iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Aho bishoboka, twobagira inama n’imiburiburi gusiga iminuta 40 hagati y’amaporogarama kugira ngo bose bashobore kuyungukirako bimwe vyuzuye muri ico gihe. Murakwiye kwihweza ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika mutibagiye n’ivyo kuzana no gutahukana ingenzi. Inama y’abakurambere ikwiye kuraba indinganizo zoba zibereye aho iwanyu.
◼ Guhera kuri iyi nomero, urutonde rw’ibisohokayandikiro bishasha biboneka ntiruzoba rugishirwa mu Gikorwa Dukorera Ubwami. “Itangazo ku Mashengero Yose” rizoba ririmwo ayo makuru rizobandanya kurungikirwa amashengero yose uko ukwezi gutashe. Turabibukije yuko mumaze kuronka “Itangazo ku Mashengero Yose,” kw’Ikoraniro ry’Umurimo rikurikira hakwiye guca hashikirizwa itangazo rijanye n’ibisohokayandikiro vyoshobora kuba bikenewe mw’ishengero ryanyu. Iryo tangazo mwarungikiwe, rirashobora guca rimanikwa ku kibaho c’amatangazo. Inyuma y’aho, uwujejwe ibisohokayandikiro akwiye guca arishira muri dosiye yiwe.