Inyishu ku bibazo vyanyu
Vyoba bibereye ko abakirisu bakomanya ibirahuri bagira bimwe bita “à la santé” igihe bari mu gatutu?
Mu bihugu bimwebimwe, igihe abagenzi bagomba gutandukana barasangira agacupa ko gusezerana, bakaduza ibirahuri hanyuma bakabikomanya, bigaherekezwa n’amajambo yo kwipfurizanya ‘amagara meza’, canke ayandi majambo asa n’ayo. Ku misi mikuru y’ubugeni na ho nyene kenshi baragira à la santé mu kwipfuriza amagara meza be n’ubuhirwe abo bageni. Birumvikana kubona hari abibajije nimba vyoba bihuje n’Ivyanditswe ko abakirisu baja mu vyo kugira à la santé.
Mu vy’ukuri, nta kibi na kimwe kiri mu vy’uko umukirisu yipfuriza umugenzi kugira ubuhirwe n’amagara meza. Kandi nta n’ikibi kiri mu kubigira bari mu mugwi. Abagabo bahumuye mu buryo bw’impwemu bo mu kinjana ca mbere, basozereye ikete bandikiye amashengero ya gikirisu n’amajambo ahanini asobanura ngo: “Nuko muganūke [canke “mugire amagara meza!”, NW]”.—Ivyak. 15:29.
None ivyo kugira “à la santé” vyoba bigarukira kuri iyo nsobanuro gusa? Ni kubera iki bene kugira à la santé batarika ibirahuri, canke baduza ibikombe vyabo maze bakabikomanya? Kwoba ari ukwigana umugenzo munaka? Raba ivyo inkoranyabumenyi imwe (The Encyclopædia Britannica) yasohowe ubugira 11, Imbumbe ya 13, urupapuro rwa 121, ivuga:
“Umugenzo wo kunywa kujanye n’ukwipfuriza ‘amagara’ meza abazima, biboneka cane ko woba wavuye mu muhamuro wo mu vy’idini wa kera wo gutarika ibirahuri mu guhereza ibimana canke abapfuye. Abagiriki be n’Abaroma igihe baba bariko barafungura barasuka hasi ibinyobwa kugira baheko imana zabo, igihe na ho baba bari ku mazimano y’imisi mikuru baratarika ibirahuri bagahereza izo mana n’abapfuye”. Iyo nkoranyabumenyi ihejeje kwerekana ingene iyo migenzo ya gipagani yabandanije mu bitwa Abasikandinave no mu bitwa Abatetone, yongerako iti: “Ukunywa kujanye n’ukwipfuriza amagara meza abazima gutegerezwa kuba kwari gufitaniye isano cane n’iyo migenzo yo kunywa igomba kumera nk’ugutanga ibimazi”.
Igihe abantu batari bake bagira “à la santé” bashobora kuba batibaza ko baba bariko bigana wa mugenzo wo gutarika ibinyobwa bishikanirwa imana za gipagani, yamara bishobora kuba ari ukwo biri. Nta gukeka, umukirisu w’intahemuka ntiyogira uruhara mu gushikana ikimazi ca gipagani, kubera azi yuko “[ata wu]shobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni” (1 Kor. 10:21). Umukirisu ahumuye aririnda no kwigana imihamuro igirwa mu madini y’ikinyoma. Iyo ngendo iranga uguhumura mu vy’impwemu ntiyobura guhimbara Yehova. Niwibuke yuko Imana yari yaraburiye canecane Abisirayeli ngo ntibaze bigane imigenzo y’amadini y’amahanga ya gipagani yari abakikije.—Lew. 19:27; 21:5.
Mu gihe umukirisu agomba gusabira mugenziwe imihezagiro y’Imana, uburyo bwiza bwo kubigira kwoba ari ugutura Imana isengesho rivuye ku mutima, si mu gukurikiza imigenzo ishingiye ku gusenga kwa gipagani Yehova yanka urunuka.—Flp. 1:9; 2 Kor. 1:11.
Imigenzo be n’imico biruzuye mw’isi iyo iva ikagera. Hamwe umukirisu ahumuye yoba amenye ko umugenzo munaka wari ushingiye kw’idini y’ikinyoma, birumvikana ko yowirinda. Ariko rero, imigenzo yose si mibi. Imwimwe ushobora gusanga ari imigenzo isanzwe igirwa aho iwanyu idakomoka kw’idini ry’ikinyoma, nk’ukuramukanya mu gukorana mu minwe canke kwunamira umuntu (Ita. 23:7). Umwe wese akwiye kurimbura ico azi ku bijanye n’umugenzo munaka be n’impamvu ituma awugira. Ni kubera iki yoba agira uwo mugenzo? Yoshobora no kwibaza ati: ‘Hamwe nowugira vyoba vyotsitaza abandi, canke abantu bo mu kibano boba bobisanisha n’ivyo mw’idini ry’ikinyoma’ (1 Kor. 10:32, 33)? Nta wundi muntu n’umwe ashobora kubera ijwi ryo mu mutima umukirisu kanaka; ku bw’ivyo, umwe wese akwiye kwicarira ico kibazo maze akifatira ingingo ituma agira ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi.—Ivyak. 23:1; 2 Kor. 1:12.