Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruhuhuma: Hazoshikirizwa igitabu Niwiyegereze Yehova be n’igitabu Ubumenyi. Ntwarante: Hazoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha hongere hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Umunara w’Inderetsi uri kumwe na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo n’abitavye Icibutso canke abitavye ayandi maporogarama ya gitewokarasi ariko bakaba batifatanya n’ishengero bashirutse umwete, murihatire gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho ya Bibiliya.
◼ Umunyamabanga be n’umucungezi w’umurimo bakwiye gusuzuma igikorwa c’abatsimvyi basanzwe bose. Nimba hari abafise ingorane yo gushitsa amasaha asabwa, abakurambere bakwiye kuringaniza ivy’uko bosahirizwa. Nimba mwipfuza ibindi vyiyumviro, nimwihweze ya makete S-201 murungikirwa ku mwaka ku mwaka.
◼ Insiguro idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2007 ifise umutwe uvuga ngo “Urashobora kwumva utekaniwe muri iyi si idurumbanye!”. Raba itangazo bijanye riri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2006.