Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Munyonyo: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Niba abantu bavuze ko ata bana bafise, nimushikirize ka gatabu Mwame mugavye! Kigarama: Hazoshikirizwa igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza igitabu Niwiyegereze Yehova canke igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo. Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 cacapuwe ku mpapuro zimaze gutangura gucuya canke ikindi gitabu ico ari co cose casohowe imbere yo mu 1991. Amashengero adafise mwene ivyo bitabu yoshobora gushikiriza igitabu Ubumenyi canke agatabu Mwame mugavye! Ruhuhuma: Igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo canke igitabu Ubumenyi.
◼ Igihe muzoba muriko murategura Icanditswe c’umwaka wa 2008 ku bw’Ingoro z’Ubwami zanyu, hanyuma mugasanga ikibanza co kucandikamwo ku kibaho ni gito, ntibizoba ngombwa kurinda gushiramwo amajambo ngo “Icanditswe c’umwaka wa 2008”. Ivyo bizotuma haboneka ikibanza gihagije co kwandikamwo ico canditswe mu ndome zagutse ku buryo abicaye mu Ngoro bose bashobora kugisoma bitabagoye.
◼ Kubera yuko ukwezi kwa Kigarama kuzoba gufise impera z’umushamvu zitanu, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Hariho ibisohokayandikiro bitari bike bishingiye kuri Bibiliya vyagenewe gushinga intahe ku bantu bo mu mico kama itandukanye no mu madini atandukanye. Uwujejwe ibitabu arafise urutonde rw’ivyo bisohokayandikiro ngirakamaro.
◼ Igihe intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose zitanzwe ku mahwaniro y’intara canke zikarungikwa ku biro vy’ishami, hakoreshejwe amasheki, ayo masheki akwiye kuba yanditseko yuko ayo mahera yohabwa “ Les Témoins de Jéhovah ”.
◼ Abamamaji bose, nimba batarabigira, barasabwe kwuzuza ka gakarata k’urwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwovugira umuntu (DPA) canke agakarata AMD. Ako gakarata DPA karatuma uburenganzira ufise bwo kutemera guterwa amaraso bwubahirizwa. Abakurambere bazobigufashamwo nimba bikenewe.—Raba inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006.
◼ Ntibigikewe ko abamamaji batanga Raporo y’inyigisho (S-3) ku bw’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana iyo ari yo yose barongoye mu kwezi. Ariko rero, bakwiye kubandanya berekana igitigiri c’inyigisho za Bibiliya barongoye mu nkingi yabigenewe yo kuri Raporo y’umurimo (S-4). Kuva ubu, ako gakaratasi (S-3) kazokoreshwa gusa ku bw’ukwandika igitigiri c’abitavye amakoraniro.