Turabwira abandi icizigiro dufise c’Ubwami
1 Muri iyi misi itoroshe ya nyuma, benshi muri iyi si nta cizigiro bafise (Ef. 2:12). Abandi, mu buryo butaranga ubukerebutsi, barizigiye amatungo, abategetsi b’abantu, ubuhinga bwa none n’ibindi. Ese ukuntu duhimbawe kubona dufise icizigiro nyakuri kijanye na kazoza, icizigiro kimeze nk’ “inanga y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga”!—Heb. 6:19.
2 Mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana, isi izohindurwa Iparadizo. Abacu bapfuye bazozurwa (Ibik. 24:15). Ubukene, akarenganyo, indwara, ubusaza n’urupfu ntibizoba bikiriho (Zab. 9:18; Mat. 12:20, 21; Ivyah. 21:3, 4). Iyo ni imwe mu mihango ya Yehova igiye kuranguka vuba. Ni umuce uwuhe w’ivyizigiro dufise urindiranye igishika canecane?
3 Dutangaze inkuru nziza: Ntidukwiye kwigungirako icizigiro c’Ubwami. Urukundo dukunda Imana n’abantu nkatwe ruratuvyurira umutima wo kwigana Yezu, gutyo “[tukamenyesha] inkuru nziza aboro, . . . [tuka]mamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, [tuka]rungika abajanjaguwe mu kubabohora” (Luka 4:18). Intumwa Paulo yaramamaza inkuru nziza mu kaguriro be n’ahandi hantu hose abantu bashobora kuba bari. Yarafatirwa cane n’ubusuku (Ibik. 18:5). Gukurikiza akarorero yatanze ko kugira uruhara mu busuku tubigiranye umwete, bizotuma “amaganya y’ivy’iyi si be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi” bitagabanya icizigiro cacu ca gikirisu.—Mrk. 4:19.
4 Icizigiro cacu c’Ubwami ntikiyama igihe duhura n’abantu batabinezwe, bafata minenegwe ubutumwa bw’Ubwami canke baturwanya imbonankubone. “[Turagumya] rwose kwa kwatura icese icizigiro cacu ata guhungabana” (Heb. 10:23). “[Ntiduterwa] isoni n’inkuru nziza” (Rom. 1:16). Vyoshoboka ko impera n’imperuka bamwe bovyurirwa umutima wo gutega yompi, kubera bibonera ukujijuka dufise be n’ukuba tudateshwa ngo dute.
5 Naho twerekana mu buryo bubereye ibintu vyo muri iyi si bigenda bitituka, bikarangura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ntituri abamamaza akaga. Ahubwo, ubusuku bwacu bwibanda ku cizigiro dufise c’Ubwami, ni ukuvuga inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Nimuze twamamaze iyi nkuru nziza dufise ukujijuka n’umwete “kugira ngo [tu]gire ugushira amazinda gukwiye kw’icizigiro gushika kw’iherezo”.—Heb. 6:11.