Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 gifise impapuro zimaze gutangura gucuya canke ikindi gitabu ico ari co cose casohowe imbere yo mu 1991. Amashengero adafise mwene ivyo bitabu yoshobora gushikiriza igitabu Ubumenyi canke agatabu Mwame mugavye! Ruhuhuma: Igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo canke igitabu Ubumenyi. Ntwarante: Hazoshikirizwa igitabu Ivyo Bibiliya yigisha hongere hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko kugendera abantu baherutse gushimishwa bitavye Icibutso be n’insiguro idasanzwe, mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bashirutse umwete. Intumbero y’ukwo kubagendera ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana n’abataremera kuyigirirwa.
◼ Kubera ko ukwezi kwa Ntwarante gufise impera z’umushamvu zitanu zuzuye, kuzoba ari ukwezi kwiza cane kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Guhera muri Ruhuhuma kandi bitarenze igenekerezo rya 2 Ntwarante, insiguro nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ivuga ngo “Ni hehe ushobora gukura imfashanyo mu bihe vy’ingorane?”.
◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zijanye n’uguhimbaza Icibutso kizoba muri uyu mwaka ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante, izuba rirenze. Naho insiguro yotangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritararenga. Murasuzume neza igihe izuba rirengerako mu karere iwanyu. Ishengero rimwerimwe ryose rikwiye kugerageza guhimbaza Icibutso riri ukwaryo. Ariko rero, hari aho ivyo bitokwama bishoboka. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure ishengero rimwe canke ayarenga arashobora kurondera iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Nimba bishoboka, tubagiriye inama yo gusiga n’imiburiburi iminuta 40 hagati y’amaporogarama, kugira ngo bose bashobore kwungukira ku kwifatanya n’abandi bimwe bishitse inyuma y’Icibutso. Murakwiye kandi kwitwararika ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika mutibagiye n’ivyo kuzana no gutahukana abantu. Inama y’abakurambere irakwiye gufata ingingo y’intunganyo zoba zibereye kuruta aho iwanyu.
◼ Abanyamabanga b’amashengero barakwiye kuraba neza ko bafise rya kete rigena abatsimvyi basanzwe (S-202) ku bw’umutsimvyi wese wo mw’ishengero. Nimba ata ryo bafise, barakwiye kubimenyesha ibiro vy’ishami biciye kw’ikete.