ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/09 rup. 8
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 3/09 rup. 8

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante: Hazoshikirizwa igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abahora bitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero, murihatire gushikiriza igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Intumbero ikwiye kuba ari iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

◼ Ishirahamwe rya Yehova ntirisohora Bibiliya y’ikirundi yose uko ingana, ku bw’ivyo uwuyikeneye wese ayigurira aho amabibiliya asanzwe adandarizwa. Kubera ko iyo Bibiliya isigaye igurwa amafaranga y’amarundi arenga 5.000, irashobora kuboneka gusa isabwe mu buryo budasanzwe ku bw’abamamaji babatijwe canke batarabatizwa cabure inyigisho za Bibiliya ziteye imbere, mu gihe baba batayifise. Abakeneye Bibiliya ntibakwiye kwumva ko bategerezwa gutanga intererano ingana n’ayo isanzwe igurwa mu gihe uko ivyabo vyifashe bitabakundiye. Umwe wese yoshobora gutanga intererano bivanye n’uburyo afise.—2 Kor. 9:7.

◼ Turabamenyesheje yuko Icibutso co mu mwaka wa 2010 kizoba ku musi wa kabiri igenekerezo rya 30 Ntwarante, izuba rirenze.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika