Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Kw’igenekerezo rya 3-6 Kigarama 2009, ku kibuga mpuzamakungu (Moi International Sports Centre) c’i Nairobi muri Kenya, harabaye Ihwaniro mpuzamakungu ryataziriwe ngo ‘Mugume muri maso!’, igitigiri c’agaheta c’abaryitavye akaba ari 34.810, kandi habatijwe abantu 421. Abantu 89 bitavye iryo hwaniro bavuye mu Burundi barafashe amabisi abandi bafata indege kugira baryitabe. Abashitsi bose hamwe bitavye iryo hwaniro baje bava mu bihugu 33. Ivyashikirijwe kuri iryo hwaniro be n’ukwifatanya n’abavukanyi bo mu mihingo itandukanye y’isi vyompi vyararemesha cane. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Cabaye ikintu c’intibagirwa.”