Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Ntwarante: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu ariko bakaba batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, mwoshobora gushikiriza ikinyamakuru ca kera canke agatabu karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Ndamukiza na Rusama: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe hari uwugaragaje ugushimishwa, nimumushikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? mwongere mwihatire gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bimwe biboneka, murihatire gutanguza inyigisho mukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
◼ Icibutso kizohimbazwa ku wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2012. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira amakoraniro ku wa kane, ayo makoraniro akwiye kwimurirwa ku wundi musi wo muri iyo ndwi nimba Ingoro y’Ubwami izoba ishobora gukoreshwa. Ivyo nimba bidashoboka kandi Ikoraniro ry’umurimo rikaba ridashobora kugirwa, ibihimba vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu mushobora kuzovyongera ku rindi Koraniro ry’umurimo.
◼ Ya videwo Les jeunes s’interrogent . . . Comment se faire de vrais amis ? (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?) na ya yindi Les jeunes s’interrogent . . . Que vais-je faire de ma vie ? (Urwaruka ruribaza—Nzokoresha gute ubuzima bwanje?), zizorimburwa mu Makoraniro y’umurimo yo mu misi iri imbere. Bikenewe, ayo mavidewo yosabwa biciye kw’ishengero vuba bishoboka.