Zigama ijwi ryawe ryo mu mutima
1. Iteraniro ridasanzwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2013 rizoba rifise umutwe-shimikiro uvuga gute, kandi rigenewe iki?
1 Ku musi ku musi usanga duhura n’ibintu bishobora gutuma turenga ku vyo ijwi ryacu ryo mu mutima ritubwira. Ni co gituma iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2013, uwuzotangura ku wa 1 Nyakanga 2012, rifise umutwe-shimikiro ugira uti: “Zigama ijwi ryawe ryo mu mutima.” (1 Tim. 1:19) Iryo teraniro rigenewe gufasha umwe wese muri twebwe gusuzuma ata gufyina ukuntu ariko arakoresha iyo ngabirano idasanzwe twahawe n’Umuremyi wacu.
2. Ni ibibazo bihambaye ibihe bizokwishurwa kuri iryo teraniro?
2 Uzorondere ibi vyiyumviro: Iryo teraniro rizokwishura ibibazo nyamukuru indwi ku bijanye n’ijwi ryo mu mutima:
• Ni ibiki bishobora kugeramira ijwi ryo mu mutima?
• Twomenyereza gute ijwi ryacu ryo mu mutima?
• Vyoshoboka gute ko tuba abacuna ku bijanye n’amaraso y’abantu bose?
• Kwiyumvira ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzisunga bihishura iki ku bitwerekeye?
• Twokwirinda gute gukomeretsa abandi mu bibazo vyega ijwi ryo mu mutima?
• Rwaruka, mushobora gute kurindirako igihe mwohejwe guhemuka?
• Abumvira ijwi ryabo ryo mu mutima riyoborwa n’impwemu bironkera imihezagiro iyihe?
3. Twokora iki kugira ngo tuze twungukire kuri iryo teraniro?
3 Tubifashijwemwo na Yehova, turashobora kunanira utwigoro Shetani agira two kwonona ijwi ryacu ryo mu mutima. Biciye kw’Ijambo ry’Imana no kw’ishirahamwe ryayo, uwo Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru atubwira ati: “Iyi ni yo nzira. Nimuyigenderemwo.” (Yes. 30:21) Ibizokwihwezwa kuri iryo teraniro ni bumwe mu buryo Yehova akoresha mu kutwereka inzira twocamwo. Ku bw’ivyo rero, niwitegure kugira ngo uzokurikirane porogarama yose y’iryo teraniro. Uze utege yompi witonze, hanyuma urimbure ukuntu wewe ubwawe woshira mu ngiro ivyo uzohigira. Uko mugize umuryango muze muganire ku bizoba vyashikirijwe. Nitwashira mu ngiro ivyo tuzoba twize bizodukomeza kugira ngo tubandanye “[kugira] ijwi ryo mu mutima ryiza” vyongere bidufashe kwirinda guteshwa inzira n’ibihimbaro vy’iyi si bimara akanya gato.—1 Pet. 3:16.