Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Ruhuhuma: Abamamaji boshobora gushikiriza kamwe muri utu dutabu tw’impapuro 32: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Ni Ibiki Imana Idusaba?, canke Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimubereke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mumwereke agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ntwarante na Ndamukiza: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimubereke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mumwereke agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho za Bibiliya.
◼ Harateguwe urucacagu rushasha rw’insiguro y’Icibutso kandi rukwiye kuzokoreshwa n’abazoshikiriza insiguro ku Cibutso bose kuva mu 2013. Muri uwu mwaka, iyo nsiguro izoba ivuga ngo “Nukenguruke ivyo Yezu yagukoreye!”
◼ Insiguro idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2013 izoba ivuga ngo “Iyo umuntu apfuye, biba biheze?”