Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Nyakanga na Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Munyonyo na Kigarama: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? canke Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?, Imibabaro yoba izoteba igahera?, Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare?, Ni nde vy’ukuri aganza isi?, Ubona gute Bibiliya?, Ubona gute kazoza? be na Woba ushaka kumenya ukuri?
◼ Insiguro idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2015 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 6 Ndamukiza. Umutwe-shimikiro w’iyo nsiguro uzomenyeshwa hanyuma. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko canke azoba afise iteraniro kuri iyo mpera y’umushamvu, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi ikurikira. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere yo ku wa 6 Ndamukiza.
◼ Guhera muri Nyakanga, abacungezi b’imizunguruko bazoshikiriza insiguro y’icese ivuga ngo “Ingene ubukerebutsi buva ku Mana butugirira akamaro.”