Ibikurubikuru vyo mu murimo wo mu ndimiro
Amashengero atandatu yo mu Burundi ariko arakoresha twa tuntu dufise amapine bashirako ibisohokayandikiro mu kwamamaza ku mugaragaro kandi hariko haravamwo ivyiza vyinshi. Mw’ishengero rimwe, hari umugabo yegereye ako kantu maze abaza Ivyabona bari ng’aho ati: “Narimutse kandi iyo nimukiye sinzi ingene notora Ivyabona vya Yehova! Vyoshoboka ko mbandanya kwiga?” Muri iryo shengero nyene, mu misi ine, Ivyabona bariko barakorera ahari utwo tuntu bararonse abantu 43 basaba kugenderwa canke kwiga Bibiliya. Mwoba muriko muradukoresha mu kwamamaza ku mugaragaro?