UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 120-134
“Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova”
Zaburi 120-134 zitwa Indirimbo z’Ukuduga. Benshi biyumvira yuko Abisirayeli ari zo baririmbana akamwemwe bariko baraduga i Yeruzalemu mu misozi ya Yuda, guhimbaza imisi mikuru yaba buri mwaka.
Iyo mirongo irerekana ko Yehova adukingira. Imugereranya . . .
n’umwungere adakubita urugohe
n’igitutu kidukingira izuba
n’umusoda w’intahemuka