ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Ndamukiza rup. 4
  • 16-22 Ndamukiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 16-22 Ndamukiza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Ndamukiza rup. 4

16-22 Ndamukiza

MARIKO 1-2

  • Ururirimbo rwa 130 n’isengesho

  • Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • “Ibicumuro vyawe birababariwe”: (Imin. 10)

    • [Erekana ividewo ivuga Incamake y’igitabu ca Mariko.]

    • Mr 2:3-5​—Yezu abigiranye impuhwe yarababariye ibicumuro vy’umuntu yari amugaye (jy rup. 67 ing. 3-5)

    • Mr 2:6-12​—Yezu yarerekanye ko afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro igihe yakiza umuntu yari amugaye (“Icoroshe ni ikihe” amakuru adufasha kwiga Mr 2:9, nwtsty)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Mr 1:11​—Ayo majambo Yehova yabwiye Yezu asobanura iki? (“ijwi riva mw’ijuru,” “Uri Umwana wanje,” “naragushimye” amakuru adufasha kwiga Mr 1:11, nwtsty)

    • Mr 2:27, 28​—Kubera iki Yezu yiyise “Umukama . . . w’isabato”? (“Umukama . . . w’isabato” amakuru adufasha kwiga Mr 2:28, nwtsty)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Mr 1:1-15

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Mugihura: (Imin. 2 canke idashika) Hera ku gace bijanye kari ahavuga ngo Ingene twotanguza ibiyago. Niwishure ku majambo ahagarika ikiyago akunda kuvugwa aho iwanyu.

  • Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 3 canke idashika) Koresha agace bijanye kari ahavuga ngo Ingene twotanguza ibiyago.

  • Akavidewo ka usubiyeyo ubwa kabiri: (Imin. 5) Nimurabe ako kavidewo mwongere mukaganireko.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 44

  • “Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi”: (Imin. 7) Guhana ijambo. Erekana akavidewo: Aronkera icizigiro mw’ibohero. Nuce ubaza ibi bibazo: Ni ibiki vyafashije Donald kuronka agahimbare nyakuri? Igihe twamamaza, twokwigana gute Yezu mu kutagira nkunzi?​— Mr 2:17.

  • Yehova arababarira “cane”: (Imin. 8) Guhana ijambo. Erekana akavidewo: Yehova we, ubu ngiye kugushira mu kibanza ca mbere. Nuce ubaza ibi bibazo: Kubera iki Anneliese yagarutse kuri Yehova, kandi yabigenjeje gute? (Yes 55:6, 7) Wokoresha gute iyo nkuru mu gufasha abahororokewe?

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 17

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 86 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika