UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | 1 ABAKORINTO 10-13
Yehova ni Umwizigirwa
Yehova yoshobora guhitamwo kudukurako ikigeragezo. Ariko aho kubigenza gutyo, akenshi araducira “icanzo” mu kuturonsa ivyo dukeneye kugira ngo dushobore kucihanganira tudahemuka.
Arashobora gutuma dutekana mu bwenge no mu mutima biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu nyeranda no ku bifungurwa vy’impwemu aturonsa.—Mt 24:45; Yoh 14:16; Rm 15:4
Yoshobora kutuyobora biciye ku mpwemu yiwe nyeranda, iyishobora kudufasha kwibuka inkuru zo muri Bibiliya hamwe n’ingingo ngenderwako twokwisunga, maze tugafata ingingo nziza.—Yoh 14:26
Arashobora kudufasha akoresheje abamarayika.—Heb 1:14
Arashobora kudufasha biciye ku bo dusangiye ukwizera.—Kl 4:1