UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Kwihebera Imana canke kumenyereza umubiri
Kumenyereza umubiri, vyoba bifise akamaro? Ego cane. Ariko rero, bigira akamaro gato cane tubigereranije n’ivyiza biva ku kwihebera Imana. (1Tm 4:8) Abakirisu rero barakwiye kugira uburimbane mu bijanye na siporo.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IVYO UKWIYE KUMENYA KU BIJANYE NA SIPORO, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
1. Siporo ishobora kutwigisha ibiki?
2. Ni ibintu bitatu ibihe vyodufasha kumenya nimba siporo kanaka ibereye canke itabereye?
3. Zaburi 11:5 yodufasha gute kumenya ubwoko bw’inkino tworaba canke twokina?
4. Impanuro dusanga mu Bafilipi 2:3 no mu Migani 16:18 zodufasha gute mu kuntu twinonora imitsi?
5. Mu Bafilipi 1:10 hadufasha gute kutamara umwanya urenze turaba inkino canke tuzikina?