20-26 Nzero
ITANGURIRO 6-8
Ururirimbo rwa 89 n’isengesho
Amajambo y’intangamarara (Umun. 1)
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA
“Akora kuno nyene”: (Imin. 10)
It 6:9, 13—Wa mugororotsi Nowa yari akikujwe n’abantu babi (w18.02 4 ing. 4)
It 6:14-16—Nowa yashinzwe igikorwa kitoroshe (w13 1/4 14 ing. 1)
It 6:22—Nowa yaragaragaje ko yizera Yehova (w11 15/9 18 ing. 13)
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 10)
It 7:2—Ni igiki gishobora kuba carafatirwako mu gutandukanya ibikoko bihumanye n’ibidahumanye? (w04 1/1 29 ing. 7)
It 7:11—Amazi yatumye haba umwuzure ukwiye kw’isi yose ashobora kuba yavuye hehe? (w04 1/1 30 ing. 1)
Mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi, ni ibiki wize ku vyerekeye Yehova, ubusuku bwo mu ndimiro canke ikindi kintu?
Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) It 6:1-16 (th icigwa ca 10)
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ividewo ya usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 5) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo, uce ubaza uti: Uwo mwamamaji yafashije gute uwo abwira inkuru nziza kuzirikana kuri 1 Yohani 4:8? Ni gute abamamaji basenyeye ku mugozi umwe mu kwamamaza?
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 4 canke idashika) Koresha agace kajanye na usubiyeyo ubwa mbere. (th icigwa ca 12)
Usubiyeyo ubwa mbere: (Imin. 4 canke idashika) Hera ku gace kajanye na usubiyeyo ubwa mbere. Nuce umuha kimwe mu bitabu dukoresha mu kwigisha. (th icigwa ca 7)
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ugusenga kwo mu muryango: Nowa yagendana n’Imana: (Imin. 10) Guhana ijambo. Erekana iyo videwo. Nimuce muganira kuri ibi bibazo: Abo bavyeyi bakoresheje gute inkuru ya Nowa mu kwigisha abana babo ivyigwa ngirakamaro? Ni ivyiyumviro vyiza ibihe wabonye wokwikorako mu gusenga kwanyu kwo mu muryango?
Ibikenewe iwanyu: (Imin. 5)
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) jy ikig. 100
Amajambo yo gusozera (Imin. 3 canke idashika)
Ururirimbo rwa 37 n’isengesho