UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 42-43
Yozefu agaragaza ukwigumya kudasanzwe
Woba wokwiha ishusho y’inyiyumvo zikomeye Yozefu ashobora kuba yaragize igihe yasubira kubona benewabo amaso mu yandi atari avyiteze? Yari gushobora guca abibwira hanyuma akabagumbira canke akabihora. Ariko ntiyatwawe n’ibishobisho. Wewe uzokora iki abo mu muryango canke abandi bantu nibakurenganya? Akarorero ka Yozefu karatwigisha akamaro ko kwigumya no kuguma dutekanye aho kwumvira umutima wacu w’umuhemu maze tugapfa gukora ibitujemwo.
Wokwigana gute Yozefu igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe utari uvyiteze?