UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba ubona ukuntu Yehova yishura amasengesho yawe?
Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’amasengesho Yehova yishuye. Igihe abasavyi b’Imana ba kera babona ukuntu Yehova yishura amasengesho yabo akongera akabafasha, nta gukeka ko vyakomeza ukwizera kwabo. Ku bw’ivyo, ni vyiza ko dutura amasengesho adomako maze tukaraba ukuntu Yehova ayishura. Nugumize ku muzirikanyi ko ashobora kuduha inyishu itandukanye n’ivyo twasavye canke akaduha ibirengeye ivyo twasavye. (2Kr 12:7-9; Ef 3:20) Yehova ashobora gute kwishura amasengesho yacu?
Araduha inkomezi z’umubiri, ugutekana mu mutima canke ukwizera bidufasha kwihanganira ingorane.—Fp 4:13
Araduha ubukerebutsi budufasha gufata ingingo nziza.—Yak 1:5
Araduha icipfuzo n’inkomezi zo kugira ico dukoze.—Fp 2:13
Araduha ugutekana igihe turi mu maganya.—Fp 4:6, 7
Aratuma abandi badufasha canke bakaturemesha.—1Yh 3:17, 18
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEHOVA NI WE “YUMVA AMASENGESHO,” MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Akarorero k’umuvukanyi Shimizu katuremesha gute igihe hari ivyo tutagishoboye kubera ingorane z’amagara?
Twokwigana gute umuvukanyi Shimizu?