ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Munyonyo rup. 32
  • Nukoreshe «ingabire y’ivy’impwemu»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukoreshe «ingabire y’ivy’impwemu»
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ivyo bijanye
  • Mugume muremeshanya ku musi ku musi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Womenya gute ingabire iruta izindi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • “Ni yo ngabire iruta izindi zose nari maze kuronka”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Munyonyo rup. 32

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA

Nukoreshe «ingabire y’ivy’impwemu»

Twese turashima indemesho duhanahana n’abavukanyi bacu. Ariko ntizigarukira gusa ku kuba turi kumwe na bo. Ubushobozi dufise bwo gukomeza ukwizera kwa bagenzi bacu, Bibiliya ibwita «ingabire y’ivy’impwemu.» (Rom. 1:​11, 12) None twokoresha neza gute iyo ngabire?

Nuremeshe abandi biciye ku vyo uvuga. Nk’akarorero, igihe dutanga inyishu ku makoraniro, aho gushimika ku bitwerekeye dukwiye gushimika ku vyo twigira kuri Yehova, kuri Bibiliya, no ku basavyi biwe. Igihe tuganira n’abo dusangiye ukwizera na ho, dukwiye kuyaga ibiyago vyubaka.

Nuremeshe abandi biciye ku ngingo ufata no ku vyo ukora. Nk’akarorero, nimba warahisemwo kuguma mu murimo w’igihe cose naho wifitiye ingorane, abandi barabibona kandi bikabaremesha. Igihe na ho hari abama bitaba ikoraniro ryo mu ndwi hagati kandi bafise urutonde rutaborohereza ku kazi canke bakaba barwaye indwara idakira, ababihweza birabaremesha.

None ivyo uvuga vyoba biremesha abavukanyi bawe? Woba nawe wakira izo ngabire z’ivy’impwemu uhabwa?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika