ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA
Nukoreshe «ingabire y’ivy’impwemu»
Twese turashima indemesho duhanahana n’abavukanyi bacu. Ariko ntizigarukira gusa ku kuba turi kumwe na bo. Ubushobozi dufise bwo gukomeza ukwizera kwa bagenzi bacu, Bibiliya ibwita «ingabire y’ivy’impwemu.» (Rom. 1:11, 12) None twokoresha neza gute iyo ngabire?
Nuremeshe abandi biciye ku vyo uvuga. Nk’akarorero, igihe dutanga inyishu ku makoraniro, aho gushimika ku bitwerekeye dukwiye gushimika ku vyo twigira kuri Yehova, kuri Bibiliya, no ku basavyi biwe. Igihe tuganira n’abo dusangiye ukwizera na ho, dukwiye kuyaga ibiyago vyubaka.
Nuremeshe abandi biciye ku ngingo ufata no ku vyo ukora. Nk’akarorero, nimba warahisemwo kuguma mu murimo w’igihe cose naho wifitiye ingorane, abandi barabibona kandi bikabaremesha. Igihe na ho hari abama bitaba ikoraniro ryo mu ndwi hagati kandi bafise urutonde rutaborohereza ku kazi canke bakaba barwaye indwara idakira, ababihweza birabaremesha.
None ivyo uvuga vyoba biremesha abavukanyi bawe? Woba nawe wakira izo ngabire z’ivy’impwemu uhabwa?