Ivyabona vya Yehova boba bemera ko isi yoba yaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24?
Oya. Ivyabona vya Yehova bemera ko Imana yaremye ibintu vyose. Ariko ntibemera ko Imana yaremye isi mu misi itandatu y’amasaha 24. Uti kubera iki? Kubera ko ico ciyumviro Bibiliya itagishigikira. Rimbura utu turorero tubiri dukurikira:
Uko iyo misi itandatu y’irema ireha. Hari abantu bemera ko Imana yaremye ibintu mu misi itandatu y’amasaha 24. Ariko muri Bibiliya, ijambo «umusi» rirashobora kwerekeza ku kiringo kinini.—Itanguriro 2:4; Zaburi 90:4.
Imyaka iheze isi ibayeho. Bamwe mu bemera ko Imana yaremye ibintu mu misi itandatu y’amasaha 24 bigisha ko isi imaze imyaka ibihumbi bikeya gusa ibayeho. Ariko twisunze ivyo Bibiliya ivuga, isi n’ijuru vyariho imbere y’imisi itandatu y’irema. (Itanguriro 1:1) Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibahakana ivyo abahinga bubuye yuko isi ishobora kuba imaze imyaka amamiliyaridi ibayeho.
Naho Ivyabona vya Yehova bemera ko ibiriho vyaremwe, ntibarwanya siyansi. Baremera ko siyansi y’ukuri ihuza na Bibiliya.