ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/1/04 rup. 8-11
  • Kuronsa abana ivyo bakenera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuronsa abana ivyo bakenera
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kwitegura birakenewe
  • Birakunda gushika
  • Ingene sebibondo yofasha
  • Igikorwa gisaba ugusenyera ku mugozi umwe
  • Imfashanyo iruta izindi iboneka
  • Kuronka Abana Ni Ukuzezwa Ibanga Kandi Ni Uguhabwa Ingabire
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Uruhara Rwega Mwebwe Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Ingene uruyoya ruhindura umubano
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Ukuntu abana bahindura umubano
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/1/04 rup. 8-11

Kuronsa abana ivyo bakenera

BIRATOMOYE rero yuko abana bakiri bato bakeneye kwitwararikwa cane, kandi biribonekeza ko benshi bataronka ivyo bakenera. Ukuntu urwaruka rwo muri iki gihe rumerewe kurabigaragaza neza. Mu kinyamakuru kimwe (The Globe and Mail) c’i Toronto muri Kanada, umushakashatsi umwe yidoze ati: “Nta na rimwe urwaruka rwacu rwari bwigere rutandukana n’imiryango yarwo, rudacishwa uruma kandi rutaronka ubukerebutsi ngirakimazi, nk’uko biri muri iki gihe”.

None ibintu vyapfiriye hehe? Iyo ngorane yoba kumbure ku rugero runaka iva ku kunanirwa kubona akamaro ko kwitwararika abana bakiri bato cane? Umutohozanyifato umwe afasha abakenyezi bafise uburyo buciye bugufi kwiga ukuntu bokwitwararika abana babo bakivuka, asigura ati: “Twese turakeneye kwiga kuba abavyeyi. Vyongeye, turakeneye gutahura yuko umwanya tumarana n’ibibondo vyacu ubu, uzotuzanira ivyiza vyinshi cane”.

Mbere n’inzoya zirakenera kwigishwa ubudahengeshanya. Si ukubigira gusa mu minuta mikeya rimwe na rimwe, ariko vyogirwa ubudahorereza; emwe umusi wose. Umwanya tumarana n’abana kuva bakiri inzoya urahambaye kugira bakure neza.

Kwitegura birakenewe

Kugira abavyeyi barangure ibanga ryabo riremereye, barakeneye kwitegurira ivuka ry’umwana wabo. Barakwiye kugira ico bigiye ku ngingo ngenderwako Yezu Kirisitu yerekanye ku bijanye n’akamaro ko gutegekanya ibintu imbere y’igihe. Yavuze ati: “Ni nde muri mwebge agomba kwubaka umutara w’amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c’amahera yowubaka?” (Luka 14:28). Kurera umwana, ibikunda kwitwa umugambi w’imyaka 20, vyovyo biragoye kuruta ukwubaka umutara. Rero, kugira ngo umuntu aroranirwe mu kurera umwana, bisaba gutegekanya ibintu imbere y’igihe nka kurya umwubatsi akenera kuba afise umugero.

Ubwa mbere, ukwitegura mu bwenge no mu vy’impwemu kurahambaye kugira ngo umuntu yikorere ayo mabanga ya kivyeyi. Ivyigwa vyagizwe ku bagore bibungenze 2.000 bo mu Budagi, vyahishuye yuko abana bavutse ku bavyeyi bari barindiranye igishika kuronka ikibondo, ari bo bari bafise amagara meza mu vy’akanyengetera no ku mubiri kurusha abavutse ku bagore bibarutse ibibondo batavyipfuza. Ku rundi ruhande, umushakashatsi umwe yagereranije yuko, ku bice 237 kw’ijana, umugore umubano wiwe uguma udurumbanye yibungenga umwana afise ingorane mu vy’akanyengetera canke ku mubiri, kuruta umugore atekaniwe mu mubano.

Biribonekeza rero ko ba sebibondo bari n’uruhara ruhambaye kugira ngo umwana akure neza. Dogoteri Thomas Verny avuga ati: “Nta bintu vyinshi biriho bibangamira umwana mu vy’akanyengetera no ku mubiri kuruta sebibondo afata nabi canke yirengagiza umugore wiwe yibungenze”. Kukaba nkako, birakunda kuvugwa yuko ingabirano nziza kuruta izindi umwana ashobora kuronka ari ukugira se akunda nyina.

Uduce nkaburamubiri dutuma umuntu yitegurira umwitwarariko be n’uguhagarika umutima twisesa mu maraso ya nyina, turashobora kugira ingaruka ku ruyoya rukiri mu nda. Ariko rero, bivugwa yuko uguhagarika umutima gukomeye canke kumara igihe kirekire kw’umuvyeyi, ari kwo gusa kubangamye, si ukumererwa nabi rimwe na rimwe bivuye ku bintu bibi vyashitse. Biboneka ko igihambaye kuruta ari ingene uwo muvyeyi yibungenze yiyumva ku bijanye n’umwana wiwe ataravuka.a

Vyogenda gute igihe woba wibungenze ariko umunega wawe ntagufate mu mugongo, canke wewe ubwawe ukaba utashaka kuvyara? Ntibitangaje kubona bishika hakaba ibintu vyotuma umugore atuntuzwa no gutwara inda. Yamara, niwame nantaryo wibuka yuko atari ikosa ry’umwana wawe. Ushobora gute none kugumiza umutima mu nda naho hoba ibintu bitoroshe?

Ubuyobozi buranga ubukerebutsi butangwa mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya, bwarafashije abantu amamiliyoni. Buvuga buti: “Muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu”. Uzotangazwa n’ukuntu ukubaho wisunga ayo majambo bishobora kugufasha gukurikiza iyi mpanuro igira iti: “Ntimugire ico mwiganyira” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Uzokwumva yuko ufashwe mu mugongo n’Umuremyi, we ashobora kukwitwararika.—1 Petero 5:7.

Birakunda gushika

Haciye amayinga nk’angahe abavyeyi bamwebamwe bibarutse, barumva umubabaro be n’ugukonyokerwa batazi imvo. Mbere n’abakenyezi bari bahimbawe no kuronka ikibondo barashobora kuza barumva bijiriwe. Ukwo kuza barijirwa ni ikintu gisanzwe. Ivyo bitumwa n’uko igihe abakenyezi bamaze kwibaruka, bishobora gushika urugero rw’utugingo nkaburamubiri rugahinduka cane. Birakunda gushika kandi yuko umukenyezi aheruka kwibaruka yumva arengewe n’ibikorwa vya ba inabibondo, nko kugaburira uruyoya, kuruhindurira ivyahi be no kurubungabunga, na rwo rukaba rupfa kubisaba igihe cose rubishakiye.

Inabibondo umwe yibaza yuko umwana wiwe ata kindi kimuriza atari ukumugora gusa. Ntibitangaje kubona umuhinga umwe mu vy’ukurera abana wo mu Buyapani yavuze ati: “Nta n’umwe adashikirwa n’imikazo iva ku kurera umwana”. Nk’uko uwo muhinga abivuga, “ikintu gihambaye cane kuri inabibondo, ni ukutigera yigunga”.

Naho inabibondo rimwe na rimwe yokwumva atuntuye, arashobora gukingira umwana wiwe ingaruka z’ukwo kuza arijirwa. Ikinyamakuru kimwe (Time) cavuze giti: “Ba inabibondo batuntuye bagerageje kurengera akababaro kabo, bakitwararika cane abana babo bakongera bagakinana udukino two kwinezereza, baratumye abana babo bakoresha ubwonko mu bintu birushirije kuba ibinezereye”.b

Ingene sebibondo yofasha

Se w’ikibondo kenshi ni we aba abereye gutanga imfashanyo ikenewe be no gushigikira umukenyezi wiwe. Igihe uruyoya rurize mu gicugu, kenshi usanga se ashobora kwitwararika ivyo rukeneye kugira ngo uwo bubakanye asinzire. Bibiliya ivuga iti: “Bagabo . . . mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye”.—1 Petero 3:7.

Yezu Kirisitu yaratanze akarorero keza abagabo bokurikiza. Yaranatanze ubuzima bwiwe ku bw’abayoboke biwe (Abanyefeso 5:28-30; 1 Petero 2:21-24). Rero, abagabo bemera kugira ivyo bahevye kugira bagire ico bafasha mu vyo kurera abana babo, baba bariko bigana Kirisitu. Nakare, ukurera abana ni igikorwa ca bose, ni igikorwa gisaba gusenyera ku mugozi umwe abavyeyi bose bakeneye kugiramwo uruhara.

Igikorwa gisaba ugusenyera ku mugozi umwe

Yoichiro, se w’agakobwa k’imyaka ibiri avuga ati: “Jewe n’umukenyezi wanje, twaraganiriye twitonze ukuntu dukwiye kurera agakobwa kacu. Igihe cose hagize ikibazo kivyuka, turaganira ukuntu dukwiye kubigenza”. Yoichiro aratahura yuko umukenyezi wiwe akeneye kuruhuka bikwiye, ari co gituma kenshi ajana n’agakobwa kiwe igihe agize aho akubitira.

Aho hambere, aho wasanga imiryango ari mininiminini kandi ishikirana cane, abana bamaze gukura be n’incuti barafasha abavyeyi kwitwararika umwana akiri muto. Ni co gituma bidatangaje kubona umukozi wo mu kigo c’i Kawasaki mu Buyapani gifasha mu bijanye no kurera abana avuga ati: “Akatari gake, ba inabibondo barumva baruhutse igihe bayagiye abandi ivy’ico kibazo. Ba inabibondo benshi, igihe baba baronse imfashanyo naho yaba ari ntoyi, barashoboye gutsinda intambamyi”.

Ikinyamakuru Abavyeyi (mu congereza) kivuga yuko abavyeyi “bakeneye umugwi w’abantu boza barikorako kugira babayagire ibibaraje ishinga”. None abo bantu bova hehe? Ba inabibondo na ba sebibondo baherutse kwibaruka barungukira cane ku gutega yompi abavyeyi babo bwite canke abaryango b’uwo bubakanye. Ariko ntiwumve, ba sekuru na ba inakuru bakwiye gutahura yuko bene umwana ari bo bafata ingingo ya nyuma.c

Abandi bantu abaherutse kwibaruka bashobora kwikorako, ni abo basangiye ukwemera. Mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho iwanyu, murashobora kuhasanga abantu bamaze imyaka myinshi barera abana kandi bakaba biteguriye gutega ugutwi ingorane zanyu. Barashobora kubagira inama ngirakamaro. Kenshi na kenshi woshobora gusaba imfashanyo “abatamakazi”, uko akaba ari ko Bibiliya yita abagore baciye uruma mu buzima bwa gikirisu, bakaba bafise umutima ukunze wo gusahiriza abagore bakiri bato.—Tito 2:3-5.

Ego ni ko, abavyeyi ntibakwiye gupfa kwemera iciyumviro ico ari co cose bashikirijwe n’abandi. Yoichiro avuga ati: “Hirya no hino abantu bariyadukiza bakigira abahinga mu vyo kurera abana”. Umugore wiwe Takako yiyemerera ati: “Mu ntango, naravuruzwe umutwe n’ivyiyumviro abandi batanga, kubera yuko numva umengo bariko baranegura ko ntamenyereye ibanga vy’ubuvyeyi”. Yamara, biciye ku kwigira ku bandi, abanega n’abakenyezi benshi barafashijwe kubona mu buryo buri ku burimbane ibijanye no kuronsa abana babo ivyo bakeneye.

Imfashanyo iruta izindi iboneka

Naho vyosa n’uko ata muntu n’umwe yoba yiteguriye kugufasha, hariho isoko rimwe ry’inkomezi ryo kwizigirwa. Ni Yehova Imana, umwe yaturema, umwe inyonga ziwe zishobora kubona n’ “urusoro” rw’abavukira kw’isi (Zaburi 139:16). Nk’uko vyanditswe mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, Yehova igihe kimwe yabwiye abasavyi biwe bo mu bihe vya kera ati: “Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira”.—Yesaya 49:15; Zaburi 27:10.

Emwe, Yehova ntiyibagira abavyeyi. Muri Bibiliya, Yehova yarabahaye ubuyobozi bwiza mu bijanye no kurera abana. Nk’akarorero, haraheze nk’imyaka 3.500 Musa umumenyeshakazoza w’Imana yanditse ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose”. Musa yaciye avuga ati: “Ayo mabgirizwa [harimwo n’akamo ko gukunda Yehova no kumukorera] mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse”.—Gusubira mu vyagezwe 6:5-7.

Wibaza ko iciyumviro nyamukuru kiri muri iyo nyobozo yo mw’Ijambo ry’Imana ari ikihe? Si uko ukwigisha abana bawe ari ikintu ukwiye kugira imisi yose, ubudahorereza? Vy’ukuri, ntibihagije gusa gutegekaniriza rimwe na rimwe abana bawe wa mwanya bavuga ngo ni muke mugabo ukoreshejwe neza. Kubera yuko ibiringo bihambaye vyo guseruranira akari ku mutima kenshi vyizana, urakeneye kwama uri hafi y’abana bawe. Niwabigenza gutyo, uzoshobora gushitsa iri bwirizwa rya Bibiliya rigira riti: “Toza umwana indero akwiye kwamana”.—Imigani 22:6.

Ukumenyereza abana mu buryo bubereye birimwo ukubasomera n’ijwi rirenga. Bibiliya itubwira yuko umwigishwa Timoteyo wo mu kinjana ca mbere ‘yamye azi ivyanditswe vyera guhera mu buhinja’. Rero, bigaragara yuko nyina Ewunike na inakuru Lowisi bamusomera n’ijwi rirenga kuva akiri uruhinja (2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15). Ni vyiza kubigira ugitangura kuvugisha uruyoya rwawe. Ariko none, ni ibiki worusomera kandi ni uburyo bwiza ubuhe wokoresha mbere no mu kurwigisha?

Nusome Bibiliya umwana wawe yumva. Biboneka yuko ari yo basomeye Timoteyo. Haraboneka n’ibitabu bifasha abana kwimenyereza Bibiliya biciye ku mashusho y’amabara y’indobeke. Ayo mashusho arafasha umwana kwiha ishusho ry’ivyo Bibiliya iriko irigisha. Nk’akarorero, hariho Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya be n’Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Biciye kuri ivyo bitabu, abana amamiliyoni barinjijwe mu mitima yabo no mu mizirikanyi yabo inyigisho za Bibiliya.

Nk’uko Bibiliya ibivuga, “abana ni bo ngabire Uhoraho agaba, imbuto zo mu nda ni zo mpēra atanga” (Zaburi 127:3). Umuremyi wawe yarakujeje “ingabire”, ikibondo c’igikundiro gishobora kukubera isoko ry’umunezero. Kurera abana, canecane kugira bazoshemeze Umuremyi wabo, vy’ukuri ni igikorwa kizana impera!

[Utujambo tw’epfo]

a Uduce nkaburamubiri dutuma umuntu yitegurira guhagarika umutima si two twonyene tugira ingaruka mbi ku ruyoya ruri mu nda, ariko kandi ubumara bwo mw’itabi bwitwa nikotine, inzoga be n’ibindi biyayuramutwe, birashobora kurugirako ingaruka mbi. Vyoba vyiza abavyeyi bibungenze birinze ikintu cose conona. Vyongeye, birahambaye kubaza muganga ibijanye n’ingaruka imiti yogira ku ruyoya ruri mu nda.

b Mu gihe inabibondo yokwumva afise umubabaro ukomeye kandi yihebuye akongera akumva adashikirana n’uruyoya rwiwe canke n’abandi bantu, ashobora kuba arwaye indwara yo gutuntura ishika inyuma y’ukwibaruka (dépression postnatale). Niba ari ukwo biri, akwiye gushikira muganga w’abavyeyi. Raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Mukakaro 2002, urupapuro rwa 19-23 n’iyo ku wa 8 Ruheshi 2003, urupapuro rwa 21-23.

c Turagusavye usome ikiganiro kivuga ngo “Les grands-parents: leurs joies, leurs difficultés” co muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ntwarante 1999.

[Ifoto ku rup. 8]

Inyiyumvo umuvyeyi agirira umwana wiwe ataravuka zirahambaye cane

[Ifoto ku rup. 9]

Naho umukenyezi aheruka kwibaruka ashobora kuza arumva yijiriwe, hari ibintu vyinshi ashobora gukora kugira ngo atume umwana wiwe yumva ko akundwa kandi atekaniwe

[Ifoto ku rup. 10]

Ba sebibondo barafise ibanga ryo kugira uruhara mu vyo kwitwararika umwana

[Ifoto ku rup. 10]

Gusomera umwana bikwiye gutangura kuva mu buhinja

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika