Urwaruka ruribaza . . .
Ni kubera iki Imana ireka tugacumukura?
“Imana yibereye iyo mw’ijuru aho ibintu bimeze neza, mu gihe twebwe turiko turacumukurira hano kw’isi”.—Marya.
URWARUKA rwo muri kino gihe rwavukiye mw’isi y’ubukazi. Vya nyamugigima be n’ivyago vy’ivyaduka vy’agacavutu bihitana ubuzima bw’abantu ibihumbi n’ibihumbi, bisa n’uko birangwa hose. Intambara n’ibitero vya bagaterabwoba ni vyo biyagwa mu makuru. Indwara, ibiza, ubugizi bwa nabi be n’amasanganya birahitana abacu. Ku bwa Mary, umwe duhejeje kuvuga aho hejuru, ikibi caragize ico gikora kuri kamere yiwe. Ayo majambo y’umujinya ari aho hejuru yayavuze inyuma y’urupfu rwa se.
Igihe dushikiwe n’ivyago, ni ibisanzwe ko twumva tubabaye, twumva ko twabuze, canke twumva ishavu. Ushobora kwibaza uti: ‘Ni kubera iki ibi vyategerejwe gushika? Kubera iki ari je vyashikiye?’ canke ‘Kubera iki vyashitse ubu?’. Ibibazo nk’ivyo birakeneye inyishu zimara akanyota. Ariko kugira turonke inyishu nyakuri, dutegerezwa kuzironderera kw’isoko nyakuri. Tuvugishije ukuri, nk’uko uwukiri muto umwe yitwa Turrell yabivuze, abantu rimwe na rimwe “barababara cane ku buryo bw’uko badashobora kuzirikana bitonze”. Hari aho woba rero ukeneye kumenya uburyo wotururuza gatoyi inyiyumvo zawe kugira ngo ushobore kwiyumvira mu buryo bwumvikana kandi butegereka.
Guhangana n’ibintu bidahimbaye bishika mu buzima
Bishobora kuba bidahimbaye kwiyumvira ibijanye n’urupfu be n’ugucumukura, mugabo ni ibintu bishika mu buzima. Yobu yarabiseruye neza igihe yavuga ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa”.—Yobu 14:1.
Bibiliya isezerana isi nshasha, aho “ukugororoka kuzobamwo” (2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:3, 4). Ariko rero, imbere y’uko ivyo bintu vy’akaroruhore biranguka, umuryango w’abantu utegerezwa guca mu gihe c’ubukozi bw’ikibi bw’akatabonetse. Bibiliya ivuga iti: “Umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye”.—2 Timoteyo 3:1.
Ivyo bihe bigoye bizomara igihe kingana gute? Abigishwa ba Yezu barabajije ikibazo gisa n’ico nyene. Mugabo Yezu ntiyababwiye umusi nyezina canke isaha nyezina uru runkwekwe rw’ibintu rugeze aho umwansi ashaka rworangiriye. Ahubwo riho, Yezu yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira” (Matayo 24:3, 13). Amajambo ya Yezu araturemesha kubona kure. Dutegerezwa kwitegurira kwihanganira ibintu bitoroshe vyinshi imbere y’uko iherezo rishika.
Imana yoba ari yo twotako umwikomo?
Vyoba none vyumvikana gushavurira Imana ngo ni uko ireka abantu bagacumukura? Ntivyumvikana iyo urimbuye ivy’uko Imana yasezeranye kurangiza ugucumukura kwose. Eka mbere ntivyumvikana kwiyumvira yuko Imana ari yo ituma ibintu bibi bishika. Ibintu vyinshi biteye agahinda bishika, biva gusa ku bipfa kwiyadukiza. Nk’akarorero, iyumvire yuko umuyaga uhenuye igiti hanyuma kigakomeretsa umuntu. Abantu boshobora kuvuga ko Imana ari yo ibiteye. Mugabo Imana si yo yatumye ico giti kigwa. Bibiliya iradufasha gutahura yuko ibintu nk’ivyo ari ingaruka gusa iteye agahinda y’ “ibihe n’ibiza”.—Umusiguzi 9:11.
Ugucumukura gushobora kandi guterwa n’ukubura ubukerebutsi. Dufate yuko umugwi w’abakiri bato bariko barihereza inzoga, bahejeje bagaca banyonga umuduga. Amaherezo isanganya rikomeye riciye riba. Ikosa ni irya nde? Ryoba ari iry’Imana? Oya, bimbuye inkurikizi zatewe n’ukubura ubukerebutsi.—Ab’i Galatiya 6:7.
Hari aho wokwibaza uti: ‘None Imana ntifise ububasha bwinshi cane bwo kurangiza ugucumukura ubu?’. Abantu bamwebamwe b’abizerwa bo mu bihe vya Bibiliya baribajije ibintu nk’ivyo. Umumenyeshakazoza Habakuki yabajije Imana ati: “N’iki gituma none witegereza abaryarukanyi, ukiyihorerera igihe umunyakibi arotsa umuntu amurusha ubugororotsi?”. Ariko rero, Habakuki yaririnze guca agira ivyiyumviro ashitseko. Yavuze ati: “[Nzo]kenguz[a] ndābe ico aribumbarire”. Mu nyuma, Imana yamukuye amazinda yuko ‘igihe cashinzwe’ kigeze, yorangije ugucumukura (Habakuki 1:13; 2:1-3). Dutegerezwa rero kwihangana, tukarindira yuko Imana irangiza ubukozi bw’ikibi igihe cayo yashinze kigeze.
Niwirinde guca ubwo nyene ushika ku ciyumviro c’uko hari ukuntu Imana ishaka ko ducumukura canke hari ukuntu iriko iratugerageza. Ni ivy’ukuri yuko ugucumukura gushobora kugira ikintu ciza kuzana muri twebwe be n’uko Bibiliya ivuga yuko ibigeragezo Imana ireka bikadushikira bishobora gukura inkamba mu kwizera kwacu (Abaheburayo 5:8; 1 Petero 1:7). Kukaba nkako, abantu benshi bashikirwa n’ibintu bitoroshe canke bica ivutu, baracika abantu barushiriza kwihangana canke barushiriza kuba abanyampuhwe. Mugabo ntidukwiye guca tuvuga yuko Imana ari yo yatumye bacumukura. Ukwiyumvira nk’ukwo kurateye kubiri n’urukundo rw’Imana be n’ubukerebutsi bwayo. Bibiliya ivuga itomora iti: “Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha”. Ahubwo riho, “gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose” biva ku Mana!—Yakobo 1:13, 17, ni twe tubihiritse.
Igituma Imana ireka ikibi kigashika
None ikibi kiva hehe? Ibuka yuko Imana ifise abayirwanya, uwuza imbere y’abandi bose akaba ari “[umwe] yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni [we a]zimiza abari kw isi” (Ivyahishuriwe 12:9). Imana yashize abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva mw’isi itarangwamwo umudurumbanyo. Mugabo, Shetani yarajijuye Eva yuko ivyiwe vyogenze neza atisunze ubutegetsi bw’Imana (Itanguriro 3:1-5). Ikibabaje, Eva yaremeye ibinyoma vya Shetani hanyuma aragambararira Imana. Adamu na we yarifatanije na Eva muri ubwo bugarariji. Ingaruka yabaye iyihe? Bibiliya ivuga yuko “urupfu rushika ku bantu bose”.—Abaroma 5:12.
Aho guca ubwo nyene Imana ihindura ubusa ubwo bugarariji mu gusangangura Shetani n’abamukurikiye, yabonye yuko bibereye ko ireka hagaca igihe. Ico gihe comaze iki? Kimwe coco, cotumye Shetani ashirwa ku kabarore ko ari umubeshi! Cotumye ibimenyamenya birushiriza kwongerekana vy’uko kutisunga Imana ata kindi bizana atari ukwononekara. None ivyo si vyo nyene vyabaye? “Isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19). N’ikigeretseko, “umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi” (Umusiguzi 8:9). Amadini y’abantu ni urusobangane rw’inyigisho zidahuza. Ingingo mfatirwako z’ivy’ukwigenza runtu zaratitutse ku rugero rutari bwigere rubaho. Intwaro z’abantu zaragerageje uburyo bwose bubaho bwo gutegeka. Barasinya amasezerano bakanashinga amategeko, mugabo ivyo abanyagihugu batobato bakeneye ntibirashitswa. Intambara zirongereza amarushwa.
Biragaragara yuko dukeneye ko Imana ihaseruka hanyuma ikarangiza ubukozi bw’ikibi. Mugabo ivyo bizoshika gusa igihe Imana yashinze kigeze. Gushika ico gihe, turafise agateka ko gushigikira ubutegetsi bw’Imana mu kugamburuka amabwirizwa yayo be n’ingingo ngenderwako zayo dusanga muri Bibiliya. Igihe ibintu bibi bishitse, turashobora guhumurizwa n’icizigiro ntakekeranywa c’ukubaho ibihe bidahera mw’isi itazoba ikirangwamwo umudurumbanyo.
Nturi wenyene
Naho ari ukwo, igihe turiko turacumukura, hari aho wosanga turiko twibaza duti: ‘Kubera iki ari jewe’. Ariko rero, intumwa Paulo atwibutsa yuko atari twebwe twenyene turiko ducumukuzwa n’ikibi. Paulo avuga yuko “ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu” (Abaroma 8:22). Kuba uzi ico kintu birashobora kugufasha kwihanganira ugucumukura. Nk’akarorero, Nicole yarahahamutse bitewe na vya bitero vya bagaterabwoba vyaba ku wa 11 Nyakanga 2001 mu gisagara ca New York n’ica Washington, D.C. Yiyemerera ati: “Naragize ubwoba, ndaranduka n’umutima”. Mugabo, uko yasoma inkuru zivuga ukuntu abakirisu bagenziwe bihanganiye ico kintu c’akaziri, yarahinduye uburyo abona ibintub. Avuga ati: “Narabonye yuko ntari jenyene na gato. Buhorobuhoro, umubabaro n’intuntu nari mfise vyaratanguye kugabanuka”.
Rimwe na rimwe, ni vyiza kurondera umuntu wobiyagira, yaba umuvyeyi, umugenzi ahumuye canke umukurambere mukirisu. Guserurira inyiyumvo zawe umugenzi wizigira ata co umuhisha bizotuma uronka “ijambo ryiza” ry’indemesho (Imigani 12:25). Uwukiri muto umwe w’Umunyaberezile yibuka ibi: “Haraheze imyaka icenda mbuze dawe, kandi ndazi ko umusi uri izina Yehova azomuzura. Ariko icamfashije kwari ukwandika inyiyumvo zanje. Narazibwiye kandi abagenzi banje b’abakirisu”. Woba ufise ‘abakunzi’ ushobora kuyagira akari ku mutima (Imigani 17:17)? Niwungukire rero ku mfashanyo iranga urukundo baguha! Ntutinye kurira canke guserura inyiyumvo zawe. Na Yezu ari Yezu ‘yararize’ bitumwe n’urupfu rubabaje rw’umugenzi wiwe!—Yohana 11:35.
Bibiliya idukura amazinda yuko umusi uri izina ‘tuzocungurwa tukava mu buja bwo kubora’, maze tukagira “ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana” (Abaroma 8:21). Gushika ico gihe, abantu bagororotse barashobora kubandanya bacumukura. Nuhumurizwe no kumenya igituma ugucumukura nk’ukwo kuba be n’uko kutazogumaho.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba urukurikirane rw’ibiganiro rufise umutwe uvuga ngo “Le courage face au désastre” (Uburindutsi mu gihe c’ivyago) mu nomero ya Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Nzero 2002.
b Amazina amwamwe yarahinduwe.
[Ifoto ku rup. 22]
Vyoshobora kuba kirumara useruye umubabaro ufise